Uko wahagera

Vatikano Irahumuriza Inyuma y'Amajambo ya Papa Fransisiko ku Muhezagiro w'Abakundana Bahuje Ibitsina


Vatikano iriko irahumuriza abasenyeri inyuma y’aho hatangarijwe ingingo ivuga ko abakundana basangiye igitsina, bashobora guhezagirwa.

Vatikano, uyu musi ku wa kane, yagerageje guhumuriza Abepiskopi ba Ekleziya mu bihugu bimwe bimwe, batashimye ingingo yatangajwe na Papa Fransisko mu ndwi iheze, ivuga ko abakundana basangiye igitsina, badashobora kubonwa nk’ibicibwa canke abantu barenze akarimbi.

Mw’itangazo ryanditse ku mpapuro zitanu, Ibiro vya Papa bijejwe amabwirizwa ya Ekleziya Katolika, na vyo nyene, vyemeye ko guha umuhezagiro abari muri uyo murwi atari ingingo yumvikana kuri bamwe mu baba mu bihugu bitandukanye, aho abari muri uyu murwi, bashobora kwicwa, bagakorewa ikibi canke bakanapfungwa.

Abasenyeri bamwe bamwe, cane cane abo muri Afrika, ntibakiriye neza iyo ngingo ya Vatikano, yatangajwe kw’igenekerezo rya 18 ry’ukwezi kwa 12 mu 2023, kandi abatari bake barayiyamirije. (Reuters)

Forum

XS
SM
MD
LG