Isirayeri yatangaje ko igiye gukura bamwe mu basirikare bayo ku rugamba mu karere ka Gaza.
Ni mu gihe Isirayeri iriko iritegurira ivyo abategetsi bavuga ko ari intambara kuri Hamasi izobandanya mu kiringo c’amezi n’amezi.
Amiral Daniel Hagari umuvugizi w’igisikare ca Isirayeri yabwiye abamenyeshamakuru ko bamwe mu basirikare bagiye gusubira mu mihana yabo muri ino ndwi nyene.
Hagari yagize ati “Ibi bigiye kororehereza ubutunzi bw’igihugu, vyongere bifashe abo basirikare kuronka inguvu z’ibikorwa vyimirije muri uno mwaka mushasha, kuko urugamba ruzobandanya.”
Isirayeri imaze igihe iremerewe na Reta zunze ubumwe za Amerika isanzwe ari igihugu ca mbere gicuditse na yo. Amerika yarasavye ko Isirayeri igabanya akariro k’ibitero igira mu karere ka Gaza, ikayisaba kandi gukingira abasivile.
Abagwanyi ba Hamasi bakoze ibitero vy’amarokete muri Gaza kuri uno musi wa mbere. Ivyo vyatumye Isirayeri ikora vy’indege bitari bike muri iyo ntara ya Gaza.
Nta makuru yerekeye aboba basize ubuzima muri ivyo bitero vy’amarokete Hamas ibandanya gukora muri Isirayeri canke ivyoba vyononekaye. Ni mu gihe Isirayeri nayo nyene ibandanya ibitero vyayo kugira ituze Hamasi muri Gaza.
Forum