Uko wahagera

Polisi Ya Kenya Yafashe Abantu Ikeka Kwica Umunonotsi Benjamin Kiplagat


Benjamin Kiplagat mu nkino Olempike muri Brezil
Benjamin Kiplagat mu nkino Olempike muri Brezil

Polisi ya Kenya yafashe abantu babiri bakekwa mu caha c’urupfu rw’umunonotsi rurangiranwa w’umuganda Benjamin Kiplagat.

Uwo munonotsi yatowe mu muduga yishwe acumitswe imbugita, ku musi w’Imana. Igipolisi kivuga ko ivyo vyabaye ku birometero bike uvuye mu gisagara ca Eldoret.

Komanda w’igipolisi muri ako karere Stephen Okal yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa, AFP, ko abo bagabo babiri bafashwe, bagereranywa kuba bafise imyaka nka 30.

Avuga kandi ko ari “abagizi ba nabi ba karuhariwe kandi bazwi”. Avuga ko bamaze igihe bagira iterabwoba ku banyagihugu muri ako karere. Yongeye avugako bafatiwe hafi y’igisagara ca Eldoret.

Okal yabwiye AFP ko umwe muri abo bagabo yafashwe afise imbugita ikekwa kuba ariyo yakoreshejwe mu bwicanyi bw’uwo munonotsi.

Impavu y’ubwo bwicanyi ntiramenyekanye muri aka kanya.

Uwo munonotsi yari asanzwe yaravukiye muri Kenya yari afise ubuhinga mu mahiganwa yo kwiruka metero 3,000. Yaraserukiye igihugu c’Ubuganda mu mahiganwa mpuzamakungu ya Olimpike yo muci, mu myaka ya 2008,2012 na 2016.

Iyo ntara ya Eldoret irazwi cane kuba afise ibirere vyo hejuru abanonotsi bakunda kwimenyerezamwo.

Forum

XS
SM
MD
LG