Uko wahagera

Umuyobozi w'Inteko Ziyonkoye kuri Reta muri Sudani ari muri Etiyopiya


Umuyobozi w'inteko ziyonkoye kuri reta muri Sudani, Jenerali Mohamed Hamdan Dagalo, kuri uyu wa kane, yagendeye Etiyopiya, Addis Abeba. Ashitse muri Etiyopiya inyuma y'uko agendeye Uganda imbere yaho.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ryatangaje ko icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Demeke Mekonnen, yabonanye na Jenerali Dagalo ku kibuga c’indege mpuzamakungu co ku murwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Abeba.

Ku musi wa gatatu, Jenerali Dagalo yarabonanye na Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni. Bwari bubaye ubwa mbere vyemezwa ko aserutse hanze y’igihugu ciwe kuva ingwano hagati y’inteko ziwe n’igisirikare ca Reta ya Sudani yadutse hagati mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka.

Amasanamu yashizwe ku rubuga X yahora yitwa Twitter, yerekanye Jenerali Dagalo ashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu co ku murwa mukuru, Addis Abeba ari mu ndege y’igihugu ca Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu.

Mu kwezi guheze, umusirikare akomeye w’ipete rya Jenerali muri Sudani, yagirije Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu ko zishigikiye inteko za Jenerali Mohamed Hamdan Dagalo mu ntambara muri Sudani. Yamara ico gihugu catangaje ko gishigikiye ibiganiro hamwe no guhagarika intambara muri Sudani. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG