Uko wahagera

Abahitanywe na Nyamugigima mu Bushinwa Bageze ku 149


Igitigiri c’abantu bahitanywe na nyamugigima ikomeye yabaye mu buraruko bushira uburengero bw’Ubushinwa kimaze gushika kw’149.

Iyo nyamugigima yari ifise uburemere bw’urugero 6.2 yabaye mu bice vy’intara za Gansuna na Qinghai kw’itariki ya 18 y’uku kwezi. Yarasenyuye amazu y’abantu, yongera ituma imisozi isenyuka, haranaba imyuzure mu ntara ya Qinghai.

Televiziyo ya reta CCTV yatangaje kuri uno musi wa mbere ko mu gisagara ca Donghai, mu ntara ya Qinghai, abantu 32, bahasize ubuzima. Bavuga kandi ko abandi bantu babiri bakiriko bararonderwa.

Mu ntara ya hafi y’aho i Gansu, abategetsi batangaje ko abantu 117 bahasize ubuzima. Abakomeretse bararenga igihumbi kandi ingo zishika ku bihumbi cumi na bine zarasenyutse muri iyo nyamugigima ikomeye, itari bwasubire kuba mu imyaka icendairangiye. (VOA News)

Forum

XS
SM
MD
LG