Uko wahagera

Papa Fransisko Atabariza Abari mu Ntara ya Gaza


Igihe yariko arasoma imisi ya Noheri, Papa Fransisko yatabarije akarere ka Gaza avuga ko karimwo umwimbu uteye agahinda w’impfu z’abasivile.

Mu butumwa yatanze kuri uno musi wa mbere, Papa yavuze ko abana bariko bapfira mu ntambara zitandukanye, harimwo n’abo mu karere ka Gaza. Papa yagize ari “Abo ni ba Yezu bato bato b’uno musi”.

Muri ubwo butumwa yashikirije, Papa Fransisko yongeye avuga kw’igitero cakozwe na Hamas kw’itariki 7 y’ukwezi kwa cumi muri Isirayeli ari “Agahomeramunwa”. Yasavye kandi ko abantu bashika ijana bagizwe imbohe mu karere ka Gaza, barekurwa.

Muri iryo jambo yashikirije ari kw’ibaraza ry’igorofa ryo mu kibanza c’amasengesho c’umutagatifu Petero i Roma, imbere y’abantu isinzi, yidogeye amashirahamwe akora ibigwanisho avuga ko ariyo akokeza intambara kw’isi.

Uyo muyobozi wa Ekleziya Katolika afise imyaka 87, ahimbaje umusi mukuru wa Noheri ku ncuro igira cumi na rimwe ari muri ayo mabanga yiwe. Yasavye ko intambara za politike, amatati ayari yo yose, n’intambara za gisirikare mu bihugu bitandukanye harimwo muri Ukraine, Siriya, Yemeni, Libani, Armeniya na Azerbaijani zihagarara. Yasavye kandi ko haba ugukingira uburengazira bw’abimukira kw’isi yose.

Forum

XS
SM
MD
LG