Uko wahagera

Papa Fransisiko Yatanze Uburengazira bwo Guhezagira Ababana Basangiye Igitsina


Papa Francisko yatanze uburengazira bwo guhezagira abantu bakundana basangiye igitsina, ariko avuga bitandukanye no guhezagirwa bijanye no kwubakana ingo.

Ku musi wa mbere, Papa Fransisko yeremeye icese ko yahaye uburenganzira abapatiri bwo guhezagira abantu bakundana basangiye ibitsina. Iyo ngingo irakomeye mu bijanye n’amategeko ya Ekleziya Katorika, afise yo kwagura idini no guha ikaze abantu bose. Ariko kandi Ekleziya Katorika yagumijeho itegeko ryayo ryo kutemerera abasangiye ibitsina guhezarirwa mu buryo bwo kwubakana ingo.

Naho iryo tanganzo rya Vatikano rifatwa na bamwe nk’intambwe mu bijanye no kudakumira umugwi w’abantu, bamwe mu migwi y’abaharanira ineza y’abakundana basangiye ibitsina (LGBTQ+), bavuga ko batahura ko Ekleziya Katorika iha agaciro abantu bakundana badasangiye igitsina kurusha agaciro iha abakundana basangiye ibitsina.

Urwandiko rwashizwe ahabona n’ibiro vya Vatikano bijejwe amategeko agenga Idini rya Katorika, rwaje kwunganira ikete ryashizwe ahabona mu kwezi kwa cumi, ryari ryandikiwe abakaridinari babiri bafise ivyiyumviro bihagaze ku mico ya kera. Muri iryo kete, Papa Fransisko yasavye ko uwo muhezagiro avuga wokorwa mu buryo butitiranywa n’imihezagiro y’ubugeni.

Urwandiko rushasha rusubiramwo ubwo buryo bwo kubahezagira, ruragaragaza ubudasa buri hagati y’iyo mihezagiro ibiri ngo kuko ukwubaka urugo ari amasezerano yo kwunga ubunwe mu buzima hagati y’umugabo n’umugore.

Forum

XS
SM
MD
LG