Muri Afrika y’epfo, abakozi bimba ubutare bashika ku bihumbi bibiri bagize imyiyerekano, bigarurira sosiyete yiswe Implats ku musi ugira kabiri w’imyidogo y’agahembo.
Ba nyene iyo sosiyete bariko barakora ibishobotse vyose kugira bahagarike iyo myiyerekano ya mbere ikomeye ibaye inyuma y’imyaka itari mike.
Impala Platinum Holdings, izwi nka Implats, yavuze ko imaze kumenya ko abakozi 63 mu barenga ibihumbi 2200 bayo batanguye iyo myiyerekano ejo ku musi wa mbere. Abo bakozi bake baraye bavuye mu bibanza vyo mu kuzimu bakoreramwo, baduga hejuru mw’ijoro ryakeye bava aho abandi bariko bakorera iyo myiyerekano.
Iyo sosiyete ivuga ko iyo myiyerekano iteye kubiri n’amategeko. Iragabisha kandi abo bakozi bose igira iti “Tugiye gufata ingingo kuri abo bakozi bagize uruhara mu gutegura iyo myiyerekano iteye kubiri n’amategeko”
Ivyo biri uko mu gihe ibikorwa vyose vyo kwimba amabuye y’agaciro vyahagaritswe n’abo bakozi hamwe na sendika, mu buraruko bushira uburengero bwa Johanesburge.
Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ritangaza ko abayobozi ba sendika y’abakozi bo mu gihugu - National Union Mineworkers (NUM) batanguye ibiganiro n’abo bakozi kugira bumvirize ibibazo vyabo.
Umwe muri abo bategetsi yagize ati “Twizeye kuronka inyishu hamwe no kwumvikana ukuntu twokura abakozi bose mu bibanza vyo musi y’ubutaka bakoreramwo kugira dutorere umuti ibibazo bihari mu buryo bworoshe kandi burimwo umwumvikano.
Forum