Umuvugizi w’igisirikare atanganza ko abagwanyi ba Allied Democratic Force bagize ibitero mu gacimbiri ka Kamwenge kuri uno musi wa kabiri. Avuga ko baje bavana muri republika iharanira demokarasi ya congo. Avuga kandi ko baje mu kwezi kwa cumi na rimwe, bakaba bari bamaze igihe bahigwa n’igisirikare ca Uganda.
Ico gitero bagize uno musi kije gikurikira ibindi bitero vyagizwe mu misi ya vuba vyagirizwa uwo mugwi nyene wa ADF. Uwo mugwi washinzwe mu mwaka wi 1990 n’umugwi w’abaislamu bavuga ko bakumiriwe muri ico gihugu.
Naho igisirikare ca Uganda kibandanya ibitero vyo mu kirere bifatanije n’ibindi bisirikare, abo bagwanyi babandanya kugira ibitero kubanyagihugu no kubasirikare hafi y’umupaka w’ivyo bihugu bibiri.
Forum