Uko wahagera

Abanyagihugu bo mu Ntara ya Gaza Bageramiwe n'Inzara


Ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu bo mu ntara ya Gaza bazibiye ibimodoka bitwara imfashanyo z'ibiribwa muri Palestina. Babihagaritse bagerageza kuraba ko boronka ico bafungura.

Igisata kijejwe impunzi muri Palestina cavuze ko abazibiye ibiduga vyariko bijana imfashanyo muri Palestina bose bari barembejwe na kigoyi.

Ico gisata kibandanya kuvuga ko ugutangira izo mfashanyo vyatumye abari bazitwaye badashobora kubandanya urugendo rwabo.

Philippe Lazzarini, atwara ico gisata yasiguye ko abategera izo mfungurwa baca bazirira aho. Yagize ati: “ Ibi vyerekana umwiheburo uri mu bantu, kandi ko hari abari mu makambi ya ONU badashikirwa n’imfashanyo ”

Uwo mutegetsi yemeje ko hari abantu yiboneye ubwiwe mu rugendo aherukamwo muri Gaza, bamara iminsi ibiri canke itatu badafungura.

Igisata ca ONU citaho ibiribwa kw’isi, PAM, kivuga ko igice c’abanyagihugu bo muri Gaza bugarijwe na kigoyi kandi ata n’imiti bafise.

Hagati aho, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Isirayeri, Yoav Gallant, yabwiye umuhanuzi mukuru mu vy’umutekano mu biro kwa prezida w’Amerika ko bizofata amezi menshi yo gutuza umurwi wa Hamasi.

Yoav Gallant yumvikanishije ko umurwi wa Hamasi umaze imyaka irenga 10, witegura mu kubaka ibirindiro birimwo ivyo munsi

y’ubutaka. Gallant yijeje ko naho bizofata amezi menshi cane, Isirayeri izokora ibishoboka vyose ikazimanganya Hamasi.

Forum

XS
SM
MD
LG