Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, avuga ko ihangiro yari afise Uburusiya butangura gutera Ukraine ritarahinduka.
Mu kiganiro yakoranye n'abamenyeshamakuru i Moscow, Putin yasiguye ko ata mugambi w'amahoro ushoboka ivyatumye Uburusiya butanguza urugamba vyose bitabonetse.
Muri ico kiganiro, Prezida Vladimir Putin yavuze ko Uburusiya buzoshira ibirwanisho hasi ari uko ico yise “intwaro y’igitugu muri Ukraine irangwa n’ivyiyumviro vy’aba Nazi ihavuye, ubutegetsi bwa gisirikare nabwo nyene bukahava, kandi Ukraine ikemera kuvavanura n’umugambi wayo wo kwinjira mw’ishirahamwe ryishinze kwivunira umwansi hamwe hagati y’ibihugu vyo mu burengero, NATO.” Putin yagize ati: “ Ibi Ukraine ikavyemera, amahoro azoboneka.”
Ku buryo butamenyerewe, Prezida Putin yagize ico avuga ku ngabo Uburusiya bwarungitse kuja gufasha abari basanzwe ku rugamba muri Ukraine, avuga ko abarungitswe muri rusangi ari ibihumbi 244. Ntiyigeze yamara atomora igitigiri c’ingabo zose zirwana muri Ukraine. Yahakanye ibivugwa ko Uburusiya butegekanya kuzohava bwikora ku nserukarukamvye n’abakukuruke mu gisirikare, avuga ko muri Ukraine hari inryamunyu z’abasirikare bikwije.
Yagize ati: “Si ngombwa, habe namba. Erega ku musi ku musi, Uburusiya bwinjiza abasirikare bashasha 1500. Kuva ku wa gatatu w’ino ndwi, abasirikare bashasha ibihumbi 486 ni bo bamaze gusinya amasezerano mashasha y’akazi.”
Ikiganiro Prezida Putin w’Uburusiya yakoranye n’abamenyeshamakuru citabiriwe kandi n’abanyagihugu babajije ibibazo biciye ku mirongo ya terefone. Ku ncuro ya mbere kuva Uburusiya butangura kugaba ibitero muri Ukraine, Prezida Putin amaze igihe akumira abamenyeshamakuru mvamakungu yabaretse kugira nabo babaze ibibazo. Ikiganiro gishusha nk’ico yakoze uno munsi, yaheruka kugikora mu 2021. Ico gihe, Amerika yari yagabishije ko ata nkeka Uburusiya buzorungika abasirikare muri Ukraine.
Tereviziyo y’igihugu mu Burusiya ivuga ko kuva ejo ku wa gatatu, yari imaze kuronka ibibazo bigera ku miriyoni zibiri z’abanyagihugu.
Forum