Ukraine itera ivyatsi ingingo y’Uburusiya yo gutunganya amatora mu burere bwayo Uburusiya bwigaruriye mu ntambara ibandanya hagati y’izo mpande zibiri.
Ukraine ivuga ko umugambi w’Uburusiya wo gutunganya amatora mu burere bwayo ubwirizwa kuburizwamwo kandi ari impfagusa.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Ukraine n’ayandi makungu yavuze ko abarorerezi mvamakungu bazokwemera kuja guhagarikira amatora mu burere bwayo bazoba bahisemwo kugira uruhara mu vyaha Uburusiya bukorera Ukraine.
Uwo mutegetsi yagize ati: “ Dusaba amakungu kwiyamiriza yivuye inyuma ingingo y’Uburusiya yo gutunganya amatora mu burere bwa Ukraine, no gufatira ibihano impande zose ziriko zitegura ayo matora n’izizoyatunganya.
Uburere bwa Ukraine butegekanya gukoreramwo amatora ni Donetsk, Luhansk, Zaporizhzhia na Kherson. Ubu burere Uburusiya bwabwigaruriye mu kwezi kw’icenda ko mu mwaka uheze. Naho Uburusiya bwigaruriye ubwo burere, ntibubugenzura ijana kw’ijana.
Uburusiya butegekanya kandi gutunganya amatora no mu ntara ya Krimeya bwigaruriye bidaciye mu mategeko mu 2014.
Abashingamateka b’Uburusiya bemeje ko amatora ya Prezida mu Burusiya azoba kw’igenekerezo rya 17 z’ukwezi kwa gatatu ko mu mwaka uza wa 2024.
Ku wa gatanu, prezida w’Uburusiya Vladimir Putin yatangaje ko azokwitoreza iyindi manda y’imyaka 6, gutyo aba akuriye inkoni ku gishitsi abatipfuza ko yongera kwitoza.
Abasesanguzi bemeza ko ata nkeka, Vladimir Putin w’imyaka 71 azosubira gutwara Uburusiya. Putin ari ku ntebe ya prezida w’Uburusiya kuva mu 2012.
Forum