Uko wahagera

Burundi: Agahinda mu Muryango w'Abana Batawe na Se Kubera Bamugaye


Umupfasoni Seraphine Irambona, kumwe n'abana biwe
Umupfasoni Seraphine Irambona, kumwe n'abana biwe

Hari umugabo wo mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi yataye umuryango wiwe kubera afise abana batatu kuri batanu bagendana ubumuga.

Umukenyezi wiwe asigaye abireranye wenyene aratabaza abagira neza kugira bamutabare kuko ata mikoro afise. Mu gihe bahora batunzwe no gusabiriza mu ma barabara, ubu akenshi birirwa bakarara inzara kubera Reta yabuijije abantu gusegerereza.

Abajejwe intwaro bemeza ko ico kibazo bakizi kandi bariko barageregeza kugitorera umuti. Umuryango abo bana bamugaye bavukamwo ni ntahonikora.

Seraphine Irambona, nyina w'abo bana batanu bagizwe n;abakobwa bane n’agahungu kamwe afise imyaka 35. Aba mu nzu y’ivyumba bibiri na saro. Iri nko ku metero 500 za paruwasi ya Katolika muri Rusiga, komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi.

Uri hanze y’inzu canke utegereye abo bana ntiwomenya ko bamugaye kuko naho amaguru n’amaboko bidakora neza bakagenda bikwega, baraganira. Abigeme bamugaye bafise imyaka 15 na 17 mu gihe agahungu ubu kujuje 10.

Seraphine Irambona, kumwe n'abana biwe
Seraphine Irambona, kumwe n'abana biwe

Mu gahinda gashaka kumwica, umupfasoni Irambona yiganiye IJwi ry’Amerika yigana ay'agowe n’umwiheburo wamurengeye. Yasiguriye ko umucance wiwe
Eric Ntirampeba afise imyaka 38, yamutanye abana bavyaranye batanu haraheze imyaka 7. Uwo mupfasoni abandanya gusigura ko umunega wiwe vyamunaniye kwihanganira kurera abana batatu bagendana ubumuga.

Ababanyi ba Seraphine basigura ko ingingo ya Reta yo kubuza abasegerereza mu mabarabara yaje gusongera isibe muri uwo muryango w’abana batawe na se abavyara kubera ubumuga bwabo.

Ikigo UNICEF cemeza ko mu Burundi abagendana ubumuga bahura n’ibibazo bitandukanye harimwo ukubura utuzu twa surwumwe twabagenewe. UNICEF ivugako hari benshi muri bo bituma mu mashamba canke mu masashe kubera kubura ubwiherero bujanye n’ubumuga bwabo.

Naho Reta y'Uburundi yasinye amasezerano yubahiriza abagendana ubumuga, urunani rwabo na ONU bemeza ko hakiri ikumirwa bakorerwa haba mu miryango no mu tuzi.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Agahinda mu Muryango w'Abana Batawe na Se Kubera Ubumuga
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:14 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG