Uko wahagera

Ku Ncuro Igira Kane, Trump Ntazokwitaba Impari z'Abakandida Mu Mugambwe We


Abakandida Chris Christie, Ron DeSantis, Nikki Haley na Vivek Ramaswamy
Abakandida Chris Christie, Ron DeSantis, Nikki Haley na Vivek Ramaswamy

Abanyapolitike bane bo mu mugambwe w'Abarepulike bariko biyamamariza amabanga ya prezida muri Amerika, ni bo bakwije ibisabwa kugira baharire ku ncuro igira kane , kuri uyu wa gatatu, ku migambi bafitiye Abanyamerika.

Ni imbere y'uko amatora yo mu ntango atangura mu mwaka w'i 2024.

Abanyapolitike bariko biyamamariza amabanga ya prezida baheruka guharira ku migambi bafitiye Abanyamerika bari batanu haraheze ukwezi. Yamara muri iki gihe ni bane ku ncuro igira kane y’impari hagati yabo.

Umwe umwe wese muribo azoba afise imigambiv ibiri: kwitandukanya n’abandi hamwe no kwitandukanye na Donald Trump ari imbere yabo muri iki gihe.

Naho Donald Trump ahanganye n’ibibazo bijanye n’amategeko, birimwo ivyaha 91, aracari imbere y’abandi banyapolitike b’abarepublbikani biyamamariza amabanga y’umukuru w’igihugu.

Ivyatohojwe mu ndwi irangiye, vyerekana ko Trump ari imbere ya Ron DeSantis, bulamatari wa Reta ya Florida na Nikki Haley yahoze ari ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe ONU, bahiganwa, n’ibice 60 kw’ijana.

Ku ncuro igira kane, Trump ntazokwitaba impari zo kuri uyu wa gatatu.

Forum

XS
SM
MD
LG