Uko wahagera

ONU Yavanyeho Ingingo Ibuza Somaliya Kugura Ibirwanisho


Prezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud
Prezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud

Somaliya yakiriye neza ingingo ya ONU ivanaho embargo yari yarafatiwe ico gihugu mu 1992, iziririza kurungika muri Somaliya canke kudandaza ibirwanisho muri rusangi ku mpande zitandukanye ziri muri Somaliya. Akanama ka ONU kajejwe umutekano kavanyeho iyo ngingo ejo ku wa gatanu.

Mu butumwa bwaciye kuri tereviziyo ya reta, Prezida wa Somaliya Hassan Cheikh Mohamoud, yishimiye ino ngingo agira ati: “ Ubu, igihugu cacu kiridegemvya mu kugura ibirwanisho vy’ubwoko bwose cipfuza. Reka mpumurize ko ibirwanisho bizoba biri mu minwe ya reta bitazokwigera bibera ikibazo abanyagihugu canke amakungu.”

Mw’itangazo urwego rw’igihugu rujejwe umutekano n’iperereza muri Somaliya rwasohoye, narwo rwavuze ko ingingo ya ONU ije hageze, kuko “ Somaliya iri mu rugamba rwo gutuza umurwi w’iterabwoba wa Al-Shebab, umaze imyaka 16 uyihanze.”

Reta ya Somaliya yari imaze igihe kirekire isaba ko ivanwa burundu muri embargo iyibuza kugura ibirwanisho vy’ubwoko bwose yipfuza. Naho embargo yo kugura ibirwanisho vy’ubwoko bwose yavanyweho kuri reta ya Somaliya, ONU yategetse ko ata ruhande na rumwe rwemerwe kudandaza canke kurungikira ibirwanisho umurwi w’iterabwoba wa al-Shabab, canke izindi mpande zihungabanya umutekano wa Somaliya.

Mu 1992, ONU ni ho yafata ingingo ibuza muri rusangi idandazwa ry’ibirwanisho ku mpande zitandukanye zo muri Somlaliya. Ariko uko umwanya wagiye uritera, ni ko iyo ngingo yagiye iratezurwa bukebuke, gutyo inzego za reta zemerwa kugura ibirwanisho ariko bibanje kurimburwa n’umurwi wa ONU wari ujejwe ivy’ivyo bihano. Uwo murwi, wari ufise uburenganzira bwo nkwankira Somaliya kugura ubwoko kanaka bw’ibirwanisho bicira umuriro.

Forum

XS
SM
MD
LG