Uko wahagera

Inama Nshingamateka y’Amerika Yirukanye Umurepubulikani George Santos


Umurepubulikani George Santos
Umurepubulikani George Santos

Inama nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu kanya gaheze, ihejeje gukura muri urwo rwego, umushingamateka George Santos. Iyo ngingo irangije ikiringo c'uwo mushingamateka aturuka muri Reta ya New York caranzwe n'uruhagarara hamwe n’impari nyishi muri Kongeres rutewe n’ukuntu yigenjeje.

George Santos abaye umushingamateka agira gatandatu yirukanywe mu nama nshingamateka ya Amerika mu mateka y’urwo rwego.

Ingingo idasanzwe itari bwibonekeze mu kiringo c’imyaka 20, inama nshingamateka ya Amerika yafashe yasaba ko bibiri vya gatatu vy’abagize inama nshingamateka bayemeza kugira ije mu ngiro. Mu matora yabaye kuri uyu wa gatanu , abashingamateka batoye kumwirukana, bakamuvana muri urwo rwego, bari 311 mu gihe abatoye kumugumiza muri urwo rwego bari 114, abatatoye ni babiri.

Abashingamateka b’Abarepublikani 105 bifatanije n’abademeokrate bose mu matora yo kwirukana George Santos mu nama nshingamateka ya Amerika. Santos yaranzwe n’amarorerwa atari make mu mezi 11 yari amaze mu mabanga yiwe y’umushingamateka. Ingingo yo kumwirukana yerekanye ukugene yateye icuka kibi no muri benshi mu bashingamateka b’Abarepublikani bakorana.

George Santos ahanganye nivyaha 23 bitandukanye, vyo ku rwego rw’igihugu yagirizwa birimwo ubunyonozi, ubwangushi n’ukunyonora amafranga mu kigega kijejwe ivyo kwiyamamaza.

Abashingamateka b’Abarepublikani batari bake bamubonye ko ari umuntu ariko aha isura mbi, umugambwe wabo, kandi ateye ibibazo mu gihe bariko bitegurira amatora yo mu mwka uza, atazoba yoroshe aho bashobora gutakaza ibitigiri bikenewe kugira ngo bagenzure inama nshingamateka ya Amerika. (The Hill)

Forum

XS
SM
MD
LG