Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Madagascar yemeje ugusubira gutorwa mu mabanga y'umukuru w'igihugu kwa Prezida Andry Rajoelina. Ni inyuma y'amatora yaranzwe n'ibibazo yabaye haraheze indwi zibiri.
Umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, Florent Rakotoarisoa, yatangaje ko Andry Rajoelina yatowe mu babanga y’umukuru w’igihugu ca Madagascar.
Abakandida 10 kuri 13 mu bo bahiganwa baravuye mu gikorwa co kwiyamamaza. Barerekanye amakenga ku vyerekeye ukwizigirwa kw’amatora, bakaba basavye ababashigikiye kudatora.
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yarateye ivyatsi utwigoro tw’abatavuga rumwe na reta bagerageje two gutesha agaciro ivyavuye mu matora.
Abanyapolitike bakomeye bahiganywe na Rajoelina, barimo Siteny Randrianasoloniaiko yaronse ibice 14 kw’ijana vy’amajwi mu gihe Marc Ravalomanana yahoze ari umukuru w’igihugu, yaronse ibice 12 kw’ijana vy’amajwi.
Rajoelina yaronse ibice 59 kw’ijana vy’amajwi, akaba yatsindiye ikiringo kigira gatatu co kuyobora igihugu. Igitigiri c’abitavye amatora cari ku bice 46 kw’ijana.
Amatora yaranzwe n’imyiyerekano hamwe no gutana mu mitwe hagati y’abashigikiye abahiganywe batandukanye. Abatavuga rumwe na reta bagirije Rajoelina ko yashizeho inzitizi zitari nke kuribo ku bijanye n’amatora. (AP)
Forum