Uko wahagera

Ukraine Ibandanya Kurondera Kwinjira muri OTAN


Amabdenra y'ibihugu bigize OTAN
Amabdenra y'ibihugu bigize OTAN

Uno musi ku wa mbere, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, arafata urugendo ruzomushikana ku murwa mukuru w'Ububiligi, Bruxelles, aho abashikiranganji bajejwe imigenderanire b'ishirahamwe OTAN bagiye guhurira, kuva italiki 27 gushika ku ya 29 y'uku kwezi kw'icumi na rimwe.

Kuri uyu wa gatatu, Blinken azoyobora umurwi w’abaserukira Amerika mu gihugu ca Macedoniya yo mu buraruko. Ico gihugu kizokwakira inama y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ishirahamwe rijejwe umutekano no gufashanya ku mugabane w’Uburaya, izobera ku murwa mukuru, Skopye mu mpera z’iyi ndwi.

Bitegekanijwe ko umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, yitaba inama ya mbere izohuza abashsikiranganaji bajejwe imigenderanire ba OTAN n’abagize inama yerekeye Ukraine. Ni mu gihe Ukraine iriko irondera kwinjira mw’ishirahamwe OTAN.

Inama ihuza ishirahamwe OTAN na Ukraine yuguruwe igihe haba ikoraniro ry’ibihugu bigize OTAN, ku murwa mukuru wa Lituwaniya, Vilnius kw’itariki 12 y’ukwezi kw’indwi kw’uyu mwaka. Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky n’abandi bakuru b’amareta agize iyo nama bari bitavye iryo koraniro rya OTAN. Inama ihuza OTAN na Ukraine ni urwego ruhuza Ukraine n’ibihugu bicuditse nk’ibigana kugira bishire imbere ibiganiro.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika izokwakira inama y’ishirahamwe OTAN izokwirikira iyizoba kuva kw’italiki 9 gushika kw’italiki 11 y’ukwezi kw’indwi mu mwaka uza w’i 2024. Blinken azoganira na bagenziwe ibizoshimikirwako mu nama izobera muri Amerika mu mwaka uza. Ni mu gihe ishirahamwe OTAN rizoba rihimbaza mu mwaka uza, imyaka 75 rizoba rimaze rishinzwe.

(VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG