Uko wahagera

Papa Fransisiko Yasibije Amanama Kubera Ibicurane


Papa Fransisiko
Papa Fransisiko

Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisiko yasibije imibonano n’amanama yari afise uno munsi ku wa gatandatu kubera ibicurane afise.

Vatikano yatangaje ano makuru ivuga ko Papa Fransisiko ataremvye, ibicurane afise bisanzwe.

Ku wa gatandatu, Papa Fransisiko ni ho akorana amanama n’abakozi batandukanye b’I Vatikano. Ni na wo munsi yakirirako abatandukanye baba bakeneye imibonano biherereye imbonankubone na Papa.

Mu ntango z’uku kwezi kwa cumi na rimwe, Papa Fransisiko yasibije umubonano yari kugirana n’umukuru w’abayahudi ku mugabane wa Buraya, hamwe n’ijambo yari kuvugira muri uwo mubonano kubera inkorora yari afise.

Inyuma y’amasaha make uwo mubonano n’umukuru w’Abayahudi usivye, Papa Fransisiko yamara yabonetse afise inguvu mu nama yagiranye n’abana bato.

Papa Fransisiko amaze iminsi agoyagoya. Mu kwezi kwa gatandatu, bamubaze mu nda. Ico gihe, yamaze iminsi iceda mu bitaro. Inyuma yaho, yagiye araboneka afise utuguvu anahumuriza abamugirira impungenge.

Bitegekanijwe ko Papa Fransisiko azokwitabira inama igira 28 kw’ihindaguruka ry’ibihe izobera I Dubai kuva igenekerezo rya 30 uku kwezi gushika ku rya 12 ukwezi kuza kwa 12.

Ku kirangaminsi c’iyo nama n’abazoyitabira, biboneka ko Papa azomarao iminsi itatu , akorana amanama n’indongozi z’isi. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG