Uko wahagera

Kongo Igandariye Abaguye mu Misunikano yo Kwiyandikisha Kwinjira mu Gisirikare


Republika ya Kongo yatangangaje ikigandaro mu gihugu cose co kwibuka abantu baguye mu misunikano yahitanye abantu 31 ku musi wa mbere.

Reta ya Kongo yabitanganje kuri uno musi wa gatatu, yongera ivuga ko igiye kuvuza abantu 145 bakomerekeye muri urwo ruhagarara.

Umurwi ujejwe gukwirikiranira hafi ico kibazo, uyobowe n’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, watangaje kandi ko reta igiye gufata mu minwe yayo, ibizokenerwa vyose mu gufuba abahasize ubuzima.

Batangaje kandi ko amatohoza yatanguye kugira bamenye icatumye iryo bara rigwa. Igisirikare ca Kongo naco catangaje ko ibikorwa vyo kwandikisha abantu bashasha mu gisirikare cahagaritswe, kuva ku musi wa mbere, inyuma y’aho iyo misunikano, ibereye.

Brandon Tsetou, ni umwe mu basore bari baje kwiyandikisha kuri ico kibuga c’umupira w’amaguru ca Ornado ku musi wa mbere, yararusimvye muri iyo misunikano.

Yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abanyamerika AP agira ati “Abari bateguye ico gikorwa bavuze ko uwo musi ari wo wari uwa nyuma wo kwiyandikisha. Ni co gituma benshi muri twebwe twarindiriye kujayo bwije twizera ko ari ho twari gushobora kwandikwa”.

Ivyo bibabaye mu gihe Ibanke nkuru y’isi yerekana ko ibice vy’abantu batagira ubuzi muri Kongo bingana na 42 kw’ijana. Yamara naho urugero rw’ubushomeri buri hejuru cane, Kongo ni igihugu gifise ubutunzi bwinshi mu butaka bwaco, ariko kikaba gifise abanyagihugu bangana n’imiriyoni zitanu n’ibice 6 bageramiwe n’ubukene. Muri Kongo kandi, abantu bangana n’ibice 15 kw’ijana hagati mu gihugu, ni bo bonyene bafise umuyagankuba. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG