Uko wahagera

Ukraine Yagiriza Uburusiya Ibitero vya Drone 14 mu Ntara Zayo Zitatu


Ukraine, kuri uyu wa gatatu, yatangaje ko Uburusiya bwakoze ibitero mu ntara zitatu zayo, bukoresheje drone 14 na misile irasa kure cane.

Inteko zirwanira mu kirere za Ukraine zatangaje ko ibikoho birasha indege na za misile, vyasambuye izo drone zose uko ari 14, zariko zigana ibice vyo hagati, mu bumanuko bushira ubuseruko n’uburengero bwa Ukraine.

Nta makuru yerekeye aboba bahasize ubuzima, abakomeretse canke ivyoba vyononekanye bikomeye, yatangajwe buno nyene. Igisirikare ca Ukraine cavuze kandi ko misile irasa kure cane y’Uburusiya, X-22 yaguye mu ntara ya Zaporizhizhia, idashikiye aho yari igenewe.

Ukraine yavuze ko drone Uburusiya bwakoresheje ari izitwa Shahed zakorewe muri Irani. Ibitero vyo kuri uyu wa gatatu bibaye inyuma y’uko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zigabishije ko Irani ishobora guha Uburusiya misile Balistike, buzokoresha mu ngwano muri Ukraine.

Umuvugizi w’ibiro vya Prezida wa Amerika ku bibazo bijanye n’umutekano w’igihugu, John Kirby, yatangaje ko Uburusiya ku ruhande rwabwo, bwakoranye na Irani mu vyerekeye ubuhinga bwo kwivuna umwansi mu buryo butari bwibonekeze imbere y’aho.

Kirby yatangaje ko iruhande y’izo drone, Irani yahaye kandi Uburusiya amabombe akomeye cane n’ibisasi vya za muzinga kugira bubikoreshe muri Ukraine. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG