Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, yagirije Isirayeri ko iriko ikora ivyaha vyo mu ngwano n'ihonyabwoko mu ntara ya Gaza. Ni mu gihe yariko yakira, kuri uyu wa kabiri, inama idasanzwe y'ibihugu bigize ishirahamwe BRICS.
Prezida Ramaphosa yatangaje ko guhana ikivunga abasivile b’Abanyapalestina bikorwa na Isirayeri ikoresheje inguvu mu buryo buciye kubiri n’amategeko, ari icaha co mu ngwano.
Yatangaje ko kwima n’impaka imiti, ibitoro, ibifungurwa n’amazi ababa mu ntara ya Gaza ari ihonyabwoko. Prezida Ramaphosa yasavye ko ingwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas ihagarara vyihutirwa.
Yasavye kandi ko inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zirungikwa kugira zikwirikirane ihagarirkwa ry’ingwano, zongere zikingire abasivile.
Gushika ubu, ntaco abategetsi ba Isirayeli baratangaza icese kuri ivyo vyagiriji.
Ramaphosa yatangaje ko we na bagenziwe bo mw’ishirahamwe BRICS berekanye impungenge zikomeye ku bantu bariko baricwa n’ibintu biriko birasamburwa mu ntara ya Gaza.
Yasavye abategetsi bitavye inama y’ishirahamwe BRICS gushira hamwe utwigoro n’inguvu zabo mu ntumbero yo guhagarika ivyo yise akarenganyo katarigera kibonekeza, kariko kabera mu ntara ya Gaza.
Afrika y’epfo yakiye kuri uyu wa kabiri inama y’abategetsi b’ibihugu bigize ishirahamwe BRICS, hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo. Iyo nama ifise intumbero yo gutorera hamwe inyishu ku ntambara iri hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas.
Mu ntango z’uku kwezi, abategetsi ba Afrika y’epfo baratumyeko abaserukira ico gihugu bose muri Israyeri. Mu ndwi iheze, Afrika y’epfo yarifatanije n’ibindi bihugu bihugu bine mu gusaba ko hoba itohoza rya sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku ntambara iriko ibera muri Gaza.
Ku musi wa mbere w’iyi ndwi, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Israyeri bwatangaje ko Israyeri nayo nyene yatumyeko ambasaderi wayo muri Afrika y’epfo kugira bavugane ku vyerekeye inyifato y’ico gihugu ku vyerekeye Israyeri.
Forum