Uko wahagera

FMI Izoha Arijantine Ingurane y’Imiriyaridi 44 z’Amadolari


Kristalina Georgieva, ayoboye ikigega mpuzamakungu c'amafranga, FMI,
Kristalina Georgieva, ayoboye ikigega mpuzamakungu c'amafranga, FMI,

Kuri uyu wa mbere, Kristalina Georgieva, ayoboye ikigega mpuzamakungu c'amafranga, FMI, n'umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw'Ubushinwa batangaje ko biteguriye gukorana na Prezida mushasha yavuye mu matora wa Argentine, Javier Milei.

Ikigega mpuzamakungu c’amafranga, FMI, gifise umugambi werekeye ingurane ku gihugu ca Arijantine w’imiliyaridi 44 y’amadolari. Umuyobozi w’ikigega FMI, Kristalina Georgieva, yatangaje ko biteguriye gukorana na prezida mushasha, Javier Milei, na reta yiwe mu bihe biri imbere mu ntumbero yo gushira mu ngiro imigambi ikomeye yo kugarukira ubutunzi bw’igihugu ciwe n’iterambere atawe rikumira muri ico gihugu.

Ubushinwa, buha ingurane ikomeye Arijantine, bwarakeje ico gihugu ku matora yagirishije ku musi w’Imana. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire w’Ubushinwa, Mao Ning, yatangaje ko biteguriye gukorana na Argentine mu ntumbero yo kubanyanya imigenderanire ya kivandimwe, gukomeza iterambere ry’ibihugu vyompi no kubandanya gukorra hamwe mu kiringo kirekire kiri imbere ku nyungu rusangi.

Javier Milei, yatsinze amatora muri Arijantine, ku musi w’Imana yemereye abanyagihugu ko azotorera inyishu bibazo bikomeye vy’ubutunzi n’ubukene butera bwiyongera bikomeye. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG