Uko wahagera

Gabon: Amatora ya Prezida Azoba muri 2025


Abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Gabon
Abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Gabon

Kuri uno musi wa mbere ibiro vyashinzwe ihererekanya ry’ubutegetsi buva mu minwe y’abasirikare buja mu minwe y’abasivile muri Gabon, vyatangaje ko amatora y’umukuru w’igihugu azoba mu mwaka w’ 2025.

Reta ivuga kandi ko amagenekerezo y’ayo matora ashobora guhindurwa
Hazoba haheze imyaka ibiri abasirikare bafashe ubutegetsi inyuma ya kudeta yatembagaje ubutegetsi bwa prezida Ali Bongo muri Gabon

Ico ni kimwe mu bimenyetso vy’ibikorwa reta mfatakibanza bizosaba kwemezwa mu nama rusangi zizoba hagati y’abategetsi ba reta n’iyindi migwi ya sosiyete sivile.

Ubutegetsi bushasha bwa gisirikare bwavuze kandi ko ibwirizwa shingiro rishasha rizoshikirizwa mu mpera z’ukwezi kw’icumi mu mwaka w’ 2024. Bitegekanijwe ko abanyagihugu bazotora iryo bwirizwa shingiro hagati y’ukwezi kwa cumi na rimwe n’ukwa cumi na kabiri mu 2024. .

Twokwibutsa ko kw’itariki 30 y’ukwezi kwa munani uno mwaka igisirikare ca Gabon cafashe ubutegetsi, inyuma y’aho ibiro bijejwe amatora bitangaje ko Ali Bongo yari ahejeje gutsindira ikiringo ca gatatu.

Bongo yafashe ubutegetsi mu mwaka w’ 2009, se wiwe Omar Bongo yitavye Imana. Uwo wewe yara yarafashe ubutegtsi mu 1967.

Forum

XS
SM
MD
LG