Uko wahagera

Palestine Isaba Ubumwe bwa Buraya Imfashanyo


Mohammad Shtayyeh, Umushikiranganji wa mbere w'ubutegetsi bw'abanyapalestina
Mohammad Shtayyeh, Umushikiranganji wa mbere w'ubutegetsi bw'abanyapalestina

Umushikiranganji wa mbere w'ubutegetsi bw'abanyapalestina, Mohammad Sgtayyeh, kuri uyu wa mbere, yasavye umuryango w'ubumwe bw'Ubulaya n'ishirahamwe mpuzamakun gu ONU gukorora imfashanyo mu ntara ya Gaza yasinizkajwe n'ingwano hagati ya Israyeri n'umurwi Hamas.

Mohammad Shtayyeh yasavye ishirahamwe ONU n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya gukororera imfashanyo mu ntara ya Gaza, cane cane mu gice co mu buraruko bwayo.

Inteko za Isirayeri zashitse ku rwinjiriro rw’ibitaro bikomeye cane mu ntara ya Gaza, kuri uyu wa mbere, aho abajejwe amagara y’abantu bavuga ko abariko barahavurirwa harimwo impinja bariko barapfa kubera ukubura kw’ibitoro.

Hari izindi mpungenge ko ingwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas ishobora gutandukira ibindi bice biri hanze y’intara ya Gaza. Ni mu gihe hari ugutana mu mitwe gutera kwiyongera mu gice co mu buraruko bwa Israyeri cegereye urubibe na Libani, Reta Zunze Ubumwew za Amerika nayo iriko ikora ibitero vy’indege z’ingwano mu bibanza birimo abarwanyi bashigikiwe na Irani mu buraruko bwa Siriya.

Kuva Isirayeri itanguye, mu kwezi kurangiye, ibitero bigenewe kuzimanganya umurwi Hamas, abantu ibihumbi n’ibihumbi mu ntara ya Gaza barishwe. Abarenga ica kabiri c’abanyagihugu baba muri iyo ntara bavanywe mu vyabo n’ibitero vy’urutavanako Isirayeri ibandanya kuhakorera. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG