Uko wahagera

DRC: Batandatu Baguye mu Mishamirano ya FARDC na Wazalendo


Bamwe mu basirikare ba Kongo
Bamwe mu basirikare ba Kongo

Abantu n’imiburiburi 6 baraye baguye mu mishamirano yabaye hagati y’ingabo za Kongo, n’abarwanyi bo mu murwi wa Wazalendo bashigikiye ubutegetsi bw’ico gihugu. Abagera kuri 9 ni bo bamaze kumenyekana ko baguye muri uko gushamirana.

Iyo mishamirano yabereye mu kirwati citwa Mugerwa, kiri mu buseruko bwa Kongo. Ico gisagara kiri ku birometero 15 y’igisagara ca Goma.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru rivuga ko kugeza ino saha, icatumye izo mpande zishamirana kitaramenyekana.

Umwe mu bategetsi mu gisirikare ca Kongo atashimye ko amazina yiwe atangazwa, yabwiye AFP ko “ Barasanye, inyuma yo gushwana”.

Abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike bavuga ko abo 6 baguye mu gushamirana hagati ya FARDC na Wazelendo, barimwo umusirikare umwe, umupolisi umwe, n’abasivile 4.

Abategetsi b’igisirikare ca Kongo nta na kimwe baravugira ku mugaragaro kuri ino nkuru. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG