Uko wahagera

Ingwano Yasubiye Kwaduka Hagati y’Ingabo za Etiyopiya n’Abarwanyi ba FANO


Ingwano yasubiye kwaduka uyu musi ku wa gatatu hagati y’ingabo za reta ya Etiyopiya hamwe n’umurwi w’abarwanyi bo muri iyo ntara, irimwo igisagara gitagatifu ca Lalibela. Yamara reta ya Etipiya irabihakana, ivuga ko umutekano ari wose muri ico gisagara.

Umurwi FANO w’abarwanyi utagira uwuwurongoye, ucumbiitse mu buraruko bw’intara ya Ahmara, umaze igihe utana mu mitwe n’ingabo za reta ya Etiyopiya. Mu kwezi kw’umunani, uyo murwi warigaruriye mu kiringo gitoyi, igisagara ca Lalibela, kigira kabiri mu bunini ntara ya Ahmara, imbere y’uko abasirikare ba reta bawomora.

Iyo ngwano imaze guhitana ubuzima bw’abantu amajana n’amajana iri mu bintu bikomeye bihanze reta y’umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed, kuva ingwano yo muri Tigreya irangiye. Haraheze ikiringo c’umwaka.

Umunyagihugu yavyiboneye yavuze ko ingwano ikomeye yadutse uyu musi mu gitondo, ariko umuvugizi wa reta, Legesse Tulu, yahakanye ayo makuru. Yavuze ko ico gisagara n’imicungararo yacu bitekanye.

Abo barwanyi bo mu murwi FANO barashigikiye ingabo za reta ya Etiyopia mu ngwano zose zibiri zabaye mu ntara ya Tigreya. Yamara icuka kibi cagiye kiriyongera inyuma y’aho uyo murwi utumvikaniye na reta ya Etiyopia ku wo, ubutaka bwo mu buraruko no mu bumanuko bwa Tigreya, bwegukira. Ivyo ni inyuma kandi y’uko reta ya Etiyopiya itangarije ko izoshira ingabo z’intara mu gipolisi no mu gisirikare vy’igihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG