Umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH uvuga ko utewe umutima uhagaze n'umurengera w'ibitigiri vy'abanyororo mu mabohero.
Mu kiganiro cihariye umukuru w'uwo murwi Sixte Vigny Nimuraba yahaye Ijwi ry'Amerika, avuga ko abafungwa babayeho nabi kubera ahenshi usanga ari incuro zitatu zirenga uko babwirizwa kuba bangana.
Asaba abacamanza gushira mu ngiro imanza ziba zaciwe, nayo igipolisi c'inyamiramabi akagihamagarira kutihutira gufunga abantu.
Sixte Vigny Nimuraba mu kiganiro yahaye Ijwi ry'Amerika anagaruka kubavuga ko Umurwi arongoye utigenga bakawusabira gutakaza ikibanza ca Statut A gihabwa imirwi yigenza neza mu bihugu bitandukanye.
Umviriza inkuru yose dushikirizwa n’umumenyeshamakuru Eloge Willy Kaneza ukorera i Nairobi muri Kenya.
Forum