Uko wahagera

Uburundi Butabariza Abarundi 90 Bapfungiwe muri Afurika y'Epfo


Bamwe mu banyagihugu mu mabarabara ya Pretoria
Bamwe mu banyagihugu mu mabarabara ya Pretoria

Ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu ca Afrika y’epfo buratabariza Abarundi barenga 90 bafungiwe muri ico gihugu mu gisagara ca Pretoria. Nka bose bafunzwe bagirizwa ko ivyangombwa vyabo vyaheze bakaba batararonka ibindi.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya urudandazwa rw’abantu ryabwiye Ijwi ry' Amerika ko hari n’abamaze gupfira muri ubwo busho kuva ku ndwi iheze kubera ukubaho nabi aho bafungiwe.

Abo Barundi bapfungiwe mu gihugu ca Afrika y’epfo, bagwiriyemwo abagabo, nk’uko umwe muri bo yabitwiganiye. Naho atashimye ko amazina yiwe amenyekana ku mvo z’umutekano wiwe kandi akaba anapfunzwe, yavuze ko abenshi bafatirwa ku buzi, mu modoka, mu bunywero, canke ku bibuga vy’indege bashaka gusubira mu Burundi.

Yasiguye ko abambere batanguye gufatwa ku bwinshi mu mpera z’ukwezi kw’icenda, isakwa rikabandanya muri uku kw’icumi. Uwuserukira Uburundi muri ico gihugu ca Afrika y’epfo yandikiye urwandiko Abarundi babayo, ababwira ko ifatwa n’ifungwa ry’abo aserukira riteye umutima uhagaze ibiro vyiwe.

Ambasaderi Alexis Bukuru yanditse ko ibitigiri vy’afapfungwa vyabaye umurengera kandi biguma biduga. Asigura ko bamwe mu bafatwa bagirizwa kuba muri ico gihugu ata burenganzira babifitiye hamwe n’abagirizwa kurenga ikiringo ntarengwa bahawe co kugaruka ku butaka bwa Afrika y’epfo.

Yongerako ko hari n’abafashwe barapfungwa bagirizwa ibindi vyaha nk’ubusuma, ugufata ku nguvu abakenyezi n’ibindi. Ibitigiri Ijwi ry'Amerika ryamenye vy’abafunzwe barenga 90.

Bose bafungiwe mu gisagara ca Pretoria. Ico gitigiri kiremezwa n’ishirahamwe « ONLCT-Où est Ton Frère » rigwanya urudandazwa rw’abantu n’ubwimukira, buciye mu kinywabi. Iryo shirahamwe ryamenye kandi ko hari bamwe bamaze kugwa muri ayo mabohero kubera ukubaho nabi, risaba ko batabarwa. Gusa, Ijwi ry’Amerika ntiryabashije kubona indi soko yigenga yakwemeza koko ko hari abapfiriye muri ayo mabohero.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’amakungu yabwiye Ijwi rya Amerika ko ico kibazo bakizi neza. Ambasaderi Albert Shingiro yatumenyesheje ko ubuserukizi bw’Uburundi muri Afrika y’epfo buriko buragikwirikiranira hagufi.

Shingiro yavuze kandi ko ico gitigiri c’Abarundi barenga 90 bafunzwe gishobora kuba ari kinini. Yemeye ko abo ubuserukizi bw’Uburundi buzi badashika 10, kandi ko hari umwe yahavuye arekuwa.

Amashirahamwe yigenga nk’iriharanira kurwanya urudandazwa rw’abantu n’ubwimukira bwo mu minyegero, asaba ko reta y’Uburundi yofasha abarundi, bafise impapuro zaheze bari hanze y’igihugu. Aha, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’amakungu Albert Shingiro yabwiye Ijwi rya Amerika ko uburyo bwo kubafasha buriho.

Shingiro asigura ko ico ubuserukizi bw’Uburundi bukora ari uguha impapuro z’inzira z’imfatakibanza uwo urupapuro rwiwe rwaheze, kugira ashobore gushika mu gihugu c’amavukiro kurondera urumara igihe kinini. Yasiguye ko ubwo bushikiranganji ata burenganzira bufise bwo gutanga impapuro z’inzira.

Mu Burundi, pasiporo zitangwa n’ubushikiranganji bw’Umutekano, kandi uwusaba urwo rupapuro murekarengane, abwirizwa kwishikira mu biro vy’igisata PAFE, kibijejwe, ubwiwe.

Nayo Ubuserukirizi bw’Uburundi muri Afrika y’epfo bwafashe ingingo yo kugira rusansuma rw’Abarundi bose baba muri ico gihugu. Ambasaderi Alexis Bukuru yatangaje ko ari mu ntumbero yo gufasha vyihuse Umurundi yogira ingorane aho yoba ari hose muri ico gihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG