Uko wahagera

RDC: ONU Yatangaje ko Abateshejwe Izabo Bageze kuri Miliyoni 6.9


ONU itangaza ko ibiharuro bishasha bafise vyerekana ko hariho abantu imiriyoni 6.9 bateshejwe ingo zabo muri Republika ya demokarasi ya Congo.

Kuri uno musi wa mbere ONU imenyesheje ko intambara hagati y’abarobeli ba M23 n’igisirikare ca reta ya Congo yongerekanye mu ntara ya Kivu kuva mu ntango z’ukwezi kwa cumi.

ONU ivuga kandi ko iyo ntambara ikaze cane cane mu buraruko bw’umurwa mukuru wayo Goma.

Ibiro vya ONU bijejwe abimukira bimenyesha ko abantu benshi bahunze ingo zabo, ariko bagumye mu gihugu hagati. Ivyo biro bivuga kandi ko abo bantu bakeneye imfashanyo z’ibintu vy’ubuzima bwa misi yose, mu buryo budasanzwe.

Mu rwandiko bashize ahabona ivyo biro bigira biti “OIM iriko irongereza utwigoro twayo two kwitaho ibibazo bibandanya kwibonekeza muri Congo mu gihe ibitigiri vy’abamaze guteshwa ingo zabo bigeze ku miriyoni 6 n’ibihumbi 900 mu gihugu.” Bongeyeko bati “Ico ni igitigiri kinini ca mbere kitari bwibonekeze”.

Umurwi wa M23 umaze kwigarurira ibice bitari bito vy’ubuseruko bw’igihugu kuva mu 2021.

Uwo mugwi ni umwe muri myinshi yafashe uduce tutari duke tw’igihugu naho muri Congo hariyo inteko mpuzamakungu zijejwe gucungera umutekano.

Ibiro vya ONU bijejwe abimukira bimenyesha ko kuva muri uku kwezi kwa cumi abantu bashika imiriyoni 5 n’ibihumbi 600 baba mu buseruko mu ntara ya Kivu y’uburaruko, iy’ubumanuko, muri Ituri, no muri Tanganyika.

ONU igira iti “Turakeneye kurungikayo imfashanyo ku bantu bazikeneye mu buryo bwihuta.”

Forum

XS
SM
MD
LG