Uko wahagera

Mu Burundi Imvura Ivanze n’Igihuhusi Yasenyeye Abarenga 600


Ifoto igereranya ahandi serwakira ivanze n'imvura yasenye ibikorwa remezo mu gihugu cya Tayiwani
Ifoto igereranya ahandi serwakira ivanze n'imvura yasenye ibikorwa remezo mu gihugu cya Tayiwani

Imvura ivanze n’igihuhusi yaguye mw’ijoro ryo kuri uno wa kane mu ma komine ya Rugombo na Buganda mu ntara ya Cibitoke mu burengero bw’Uburundi yaraye yononye ibintu vyinshi.

Ibiharuro vy’infatakibanza bitangwa n’abajejwe intwaro n’uko amazu arenga 600, amashure 20 n’amasengero 12 vyabomotse, abantu 5 nabo barakomereka.

Muri kino gihe, abahuye n’ivyo vyago bari mw’ibarabara kubera amazu yabo yabomotse ibiri mu nzu na vyo birononekara. Babwiye abakunzi b’Ijwi ry’Amerika ko bari mu maganya adasanzwe. Basaba gufashwa.

Umviriza ido n’ido muri ino nkuru y’umumenyeshamakuru Desire Hatungimana

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:40 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG