Abapolisi amajana n’amajana n’abajejwe intwaro y’igisagara ca Lewiston co muri reta ya Maine iri mu buraruko bushira ubuseruko bw'Amerika, barabandanya kurondera umugabo afise imyaka 40 bemeza ko ari we yakoze igitero c’inkoho cahitanye abantu 18 ku mugoroba wo ku munsi wa gatatu.
Koloneli William Ross atwara polisi muri reta ya Maine, yavuze ko Robert Card “yakoze ico gitero”, ateye ubwoba kandi ashobora kuba agifise ibirwanisho bicira umuriro. Yasavye abomubona bose guhamagara abajejwe umutekano aho guhangana nawe.
Ejo ku wa kane, abajejwe umutekano bo muri reta ya Maine n’intwaro, biriwe bagenzura umuhana w’umwe mu baryango ba Robert Card uri mu gisagara ca Lewiston. Nta vyinshi igipolisi cavuze kuri uwo muhana.
Mu gihe abajejwe intwaro mu gisagara ca Lewiston bategetse ko amashure yugarwa, imwe mu mirimo abaye irahagarara, ibibanza bihuriramwo abantu benshi, birugarwa.
Igipolisi ca Amerika kivuga ko Robert Card yagirizwa igitero co ku munsi wa gatatu ari mu murwi w’abasirikare, Amerika yikorako rukamvye. Ku munsi wa gatatu mw’ijoro, yagiye mu bibanza bibiri birimwo ubunywero, yirara mu bo ahasanze, abamijaguriramwo amasasu.
Igipolisi ca Amerika kibandanya kivuga ko yari asanzwe afise ikibazo co mu mutwe. Muri 18 bahitanywe n’amasasu ya Robert Card, 10 ntibarashobora kumenyekana imyidondoro yabo.
Prezida w’Amerika, Joe Biden, yasavye ko amabendera yo ku biro vyiwe, White House, aduzwa kugera hagati mu ntumbero yo kwunamira abaguye mu gitero co mu gisagara ca Lewiston. Prezida Biden yavuze kandi ko ari ngombwa ko amategeko agenga ivy’itungwa ry’inkoho, asubirwamwo.
Yagize ati: “Muri aka kaga kiyongeye ku yandi mabisha adaharurwa, ndasavye ko abashingamateka b’Abarepuburika buzuza inshingano zabo, bagakingira abanyagihugu b’Amerika. Dukwiye gukorera hamwe kugira haboneka itegeko rigenzura neza uburenganzira bwo gutunga inkoho.” Yongeyeko ati: “Abanyamerika ubu bagendana ubwoba n’ihahamuka kubera ibitero”
Umushingamateka Jared Golden wo muri Reta ya Maine, na we nyene yasavye bagenzi biwe gusubira kugenzura amategeko y’itungwa ry’ibirwanisho.
Mike Johnson, ku munsi wiwe wa mbere w’akazi nk’umukuru w’inama nshingamateka y’Amerika, nawe yagize ati: “Iki ni igihe c’umwijima muri Amerika. Ibisabisho ni vyo bikenewe mu bihe nk’ibi. Dukwiye gusenga shetani igatsindwa, urugomo, rugahagarara.”
Mike Johnson, umukirisu atsimbataye ku mateka y’ivya kera, yirinze kugira ico avuze ku kibazo co kumenya nimba ashigikiye ko amategeko agenga ivy’itungwa ry’inkoho asubirwamwo.
Itegeko shingiro ry’Amerika riratomora ko ugutunga inkoho ari uburenganzira bw’umunyagihugu w’Amerika. Hari abakomeje gusaba yamara ko amategeko agenga ivy’ibirwanisho, asubirwamwo. (REUTERS)
Forum