Uko wahagera

Isirayeri Yigamvye Ibitero vy'Indege ku Barwanyi ba Hamas muri Gaza


Igisirikare ca Isirayeri, kuri uyu wa gatatu, catangaje ko cakoze ibitero vy'indege mu bibanza birimwo abarwanyi b'umurwi Hamas, mu ntara ya Gaza, hamwe no mu bibanza vya gisirikare muri Siriya.

Igisirikare ca Isirayeri cavuze ko ibibanza cakozemwo ibitero mu ntara ya Gaza birimwo amayira yo mu kuzimu y’umurwi Hamas, ibigangara uwo murwi ubikamwo ibirwanisho hamwe n’ibibanza urasiramwo za misile.

Uyu musi nyene ikinyamakuru ca Reta ya Siriya catagnaje ko ibitero vya Israyeri ku butaka bwayo vyishe abasirikare ba Siriya 8, bikomeretsa abandi 7 mu ntara ya Daraa. Igisirikare ca Isirayeri catangaje ko indege z’ingwano zaco zakoze ibitero mu gusubiriza mu ndumane ibitero vya rokete zarashwe n’igisirikare ca Siriya ku butaka bwayo.

Ivyo bitero bibaye mu gihe hari impungenge ko ingwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas ishobora gukwiragira mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi.

Isirayeri yaragabishije abarwanyi b’umurwi Hezbollah ushigikiwe na Irani bakorera muri Libani, kudahirahira winjira mu ngwano iriko iraba muri iki gihe hagati yayo na Hamas. Umuyobozi w’umurwi Hezbollah, Hassan Nasrallah, yakiye abayobozi bakomeye b’umurwi Hamas na “Jihad Islamique” mu biganiro kuri uyu wa gatatu.

Itangazo ryashizwe ahabona ryamenyesheje ko abo bakuru b’iyo mirwi baganiye ku cokorwa mu ntumbero yo gushika ku ntsinzi mu rugamba rwo kwivuna umwansi ruriko rubera mu ntara ya Gaza.

Uyu musi kandi, ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu buyobowe n’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza, ku musi wa kabiri, bwaratangaje ko igitigiri c’abantu bamaze gupfa muri iyo ntara mu ngwano kimaze gushika ku bantu batari musi y’i 5,791. Benshi muri bo ni abapfasoni n’abana. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG