Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, kuri uyu wa kabiri, yatangaje ko amategeko mpuzamakungu ariko arahonyangwa, mu gihe Israyeri ibandanya gukora ibitero mu ntara ya Gaza. Yasavye ihagarikwa ry'ingwano bidatevye kugira imfashanyo ishobore gutangwa.
Antonio Guterres yatangaje ko atewe impungenge n’ihonyangwa ry’amategeko mpuzamakungu ajejwe gukingira abanyagihugu ririko ryibonekeza mu ntara ya Gaza. Guterres yavuze ko ata ruhande na rumwe mu ntambara ruri hejuru y’amategeko mpuzamakungu ajejwe gukingira abanyagihugu. Yabibwiye inama y’urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekanoi kw’isi. Ntiyadomye urutoke mu buryo bugaragara igihugu ca Israyeri.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, yarakiye neza imfashanyo zimaze kwinjira mu ntara ya Gaza ziciye mu gice ca Rafah, zivuye mu gihugu ca Misiri. Rafah ni igice co mu Misiri kiri ku rubibe n’intara ya Gaza. Yamara Guterres yavuze ko izo mfashanyo zidahagije, umuntu aravye ivyo abanyagihugu baba mu ntara ya Gaza bakeneye.
Yavuze ko kugira bagabanye ububabare ntangere bw’ababa mu ntara ya Gaza, igikorwa co gushikiriza imfashanyo aho zikenewe, gitegerezwa kwworoherezwa kurushiriza, hamwe n’ikibazo co kurekura abantu bagizwe imbohe. Kugira ivyo bibe, yasavye ko haba agahengwe bidatevye hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas.
Inama y’urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi, kuri uyu wa kabiri, yahuje abategetsi bakomeye baserukira ibihugu vyabo, barimwo umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken. Imber y’aho Blinken, yariyamirije akamo katewe gasaba ko haba agahengwe mu ngwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas. Yavuze ko ivyo vyoha akaryo uwo murwi ko kwiyungunganya kugira ukore ibindi bitero. (AFP)
Forum