Uko wahagera

Ingabo za Nijeri Zaherekeje iz'Ubufaransa Gushika muri Cadi


Imodoka zari mu zaherekeje ingabo za nijeri
Imodoka zari mu zaherekeje ingabo za nijeri

Imodoka za mbere zirimwo inteko z'Ubufransa ziriko ziva mu gihugu ca Nijeri, inyuma y'itembagazwa rya Prezida Mohamed Bazoum, zashitse mu gihugu kibanyi ca Cadi.

Izo modoka za burende bakoresheje zashitse zimaze imisi icenda mw’ibarabara. Zaherekejwe n’intelo z’igihugu ca Nijeri mu rugendo rurenga ibilometero 1,600. Pierre Gaudilliere, umuvuguzi w’ibiro vy’umukuru w’igisirikare c’Ubufransa yabibwiye itangazamakuru ryo mu Bufransa, AFP. Yavuze ko izo inteko zizotahukanwa n’indege, mu Bufransa zivuye i N’Djamena.

Mu ndwi irangiye, Ubufransa bwaratanguye gukura inteko zabwo muri Nijeri. Hari inyuma y’uko prezida wa Nijeri, Mohamed Bazoum akuwe ku butegetsi muri kudeta y’igisirikare yabaye mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka. Bazoum yari acuditse n’Ubufransa.

Itembagazwa ryiwe ryatumye imigambi y’Ubufransa mu karere ka Sahel iyanzara. Abasirikare b’Ubufransa bagera ku 1.400 bakorera ku murwa mukuru wa Nijeri, Niamey, no mu burengero bw’ico gihugu. Bari muri Nijeri mu gikorwa co kurwanya abarwanyi na reta ya kiyislamu n’umurwi al-Qaida.

Umurwa mukuru wa Cadi, N’Djamena, ni ikibanza kirimwo icicaro c’igisirikare c’Ubufransa gikorera mu karere kose ka Sahel. Inteko z’Ubufransa zigera ku 1,000 zisanzwe zakorera kuri uwo murwa mukuru. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG