Uko wahagera

Burundi: Reta Yategetse Imiryango 450 yo mu Cibitoke Kwimuka Kubera Korera


Centre yakira abarwayi ba korera muri Komine Rugombo
Centre yakira abarwayi ba korera muri Komine Rugombo

Bulamatari w'intara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi yafashe ingingo y'ukwimura imiryango irenga 450 kubera ikiza ca korera. Iyo miryango iba mu karere katagira amazi hafi y'uruzi Rusizi rugabura Uburundi na Republika ya Demokarasi ya Kongo.

Careme Bizoza avuga ko ari ingingo ntasubirwamwo kandi ko kugera kw'itariki ya mbere ukwezi kwa cumi na rimwe kuza uwutazoba yahimutse azohavanwa ku nguvu.

Abantu 206 ni bo bamaze kwandura choléra muri ako gace ka Mbaza-Miduha nk'uko abajejwe intwaro babivuga.

Abanyagihugu bo muri Mbaza-Miduha mu nama na Buramatari Careme Bizoza
Abanyagihugu bo muri Mbaza-Miduha mu nama na Buramatari Careme Bizoza

Abanyagihugu batandukanye basaba ko iyi ngingo yoba irabangiriweko n’imiburiburi bagahabwa umwanya wo kwitegura no gusarura utwo barimye. Mu basaba reta kuba irabangiriye iyo ngingo, harimwo abari bimukiye muri Mbaza-Miduha kubera inzara.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.

Insiguro z'Abanyagihugu Basaba Reta Kubangira Ingingo yo Kubimura
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:24 0:00

XS
SM
MD
LG