Uko wahagera

Igitero ku Bitaro muri Gaza Kimaze Guhitana Abagera ku 500


Bamwe mu bahitanywe n'igitero Hamas yegeka kuri Isirayeri
Bamwe mu bahitanywe n'igitero Hamas yegeka kuri Isirayeri

Ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu buyobowe n'umurwi Hamas, kuri uyu wa kabiri, bwatangaje ko abantu amajana n’amajana baguye mu gitero c’indege y’ingwano ya Isirayeri, cakozwe ku bitaro vyegukira umuhari wa Hamas. Ico gitero cakomerekeje kandi Abanyapalestina n'abandi bantu bari bahungiye muri ivyo bitaro.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buyobowe n’umurwi Hamas bwatangaje ko abantu batari musi y’amajana atanu bishwe. Amasanamu umurwi Hamas wahererekanijwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekanye imbeya z’umuriro zaka mu bitaro vyitwa al-Ahli. Ayo masanamu yerekanye kandi ivyononekaye hamwe n’ibiziga vy’abantu biri mu bisigarira vy’ivyo bitaro. Yamara nta makuru yigenga yashoboye kwemeza ivyerekeye ayo masanamu.

Hamwe ico gitero cokwemezwa, coba ari co cibaye kurusha ibindi bitero vy’indege z’ingwano Isirayeri yakoze mu ntambara yarwanye incuro zitanu kuva mu mwaka w’i 2008. Abantu ibihumbi n’ibihumbi barahungiye mu bitaro bitari bike mu ntara ya Gaza. Babikora mu ntumbero yo kwikingira ibitero vy’amabombe. Ni inyuma y’uko Isirayeri itegetse abantu bose baba mu ntara ya Gaza no mu micungararo y’aho kuhava, bakaja mu bumanukao bwayo.

Umurwi Hamas watangaje ko igitero uvuga ko Isirayeri yakoze ku bitaro Al-Ahli vyo mu ntara ya Gaza ari ubwicanyi bugayitse. Umuhari Hamas watangaje ko benshi mu bapfuye,ari imiryango yavuye mu vyayo, abarwayi, abana, n’abapfasoni.

Umuvugizi w’igisirikare ca Isirayeri, Amiral Daniel Hagari, yatangaje ko ata vyinshi biramenyekana ku bapfuye mu bitaro, Al-Ahli. Yongeyeko bazotanga amakuru y’imvaho igihe bazoba bayaronse, kandi ko atavuga niba cari igitero c’indege y’ingwano ya Isirayeri. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG