Uko wahagera

Inteko za MINUSMA Zatanguye Kuva muri Mali


Zimwe mu nteko za MINUSMA
Zimwe mu nteko za MINUSMA

Inteko zijejwe guncugera umutekano z'ishirahamwe mpuzamakungu ONU zatanguye kuva mu gihugu ca Mali.

Ibiro vy’izo nteko zizwi kw’izina rya MINUSMA, ku musi wa mbere, vyatangaje ko ico gikorwa catanguriye mu makambi abiri y’ahitwa Tessalit na Aguelhok mu ntara irimwo umutekano muke ya Kidal, mu buraruko bw’igihugu. Kubera Reta ya Mali, yari yiteze ko inteko za ONU zijejwe umutekano ziva muri ako karere, igisirikare cayo carurukije indege zaco zibiri muri imwe muri ayo makambi iri mu karere ka Tessalit. Igisirikare catangaje ko abarwanya ubutegetsi barashe kuri izo ndege igihe zariko zirururuka.

Igisirikare ca Mali cashize ku mbuga ngurukanabumenyi amasanamu y’imwe muri izo ndege zibiri igihe abarwanya ubutegetsi bariko barayirasa. Yamara yarashoboye kwururuha bitayigoye cane. Hari inyuma y’uko igisirikare kirwanira mu kirere ca Mali gitujije abarwanya ubutegetsi mu birindiro vyabo. Inteko zijejwe gucungera umutekano za ONU zatangaje ko ibitero vy’abarwanya ubutegetsi vyerekana ukugene ibintu bitera bimera nabi kurushiriza ku bijanye n’umutekano wazo.

Inteko za ONU zizwi kw’izina rya MINUSMA zimaze gushikiriza amakambi 4 abategetsi ba reta ya Mali kuva mu kwezi kw’umunani kw’uyu mwaka. Yamara igikorwa co gukura inteko za ONU mu makambi yazo mu ntara ya Kidal aho abarwanyi bashaka kwiyonkora kuri reta bakorera ni co gishobora kuba kitotoshe na gato kurusha ibindi. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG