Ibitaro vyo mu karere ka Gaza vyatanguye kurengerwa n’ibitigiri vy’akataraboneka vy’abarwayi n’abakomeretse, muri iki gihe Israel itegura gutangura ibitero vy’abasirikare bagwanira ku butake muri ako karere
Kuri uno musi wa mbere Abanyepalestiniya bari mu ntara ya Gaza mu bitaro no mu nyubakwa z’amashure barageramiriwe cane. Bariko bararondera aho bahungira mu gihe basanzwe n’ikena ry’impfungugwa n’amazi.
Abantu barenga umuriyoni baramaze guta ingo zabo inyuma y’amakuru y’uko Isirayeri igiye kurungika abasirikare bagwanira ku butaka mu mugambi wo gusambura umugwi Hamas, inyuma y’uko umaze igihe ugira ibitero mu bumanuko bwa Isirayeli.
Mu gihe ibifungurwa n’amazi bigenda bibura, abantu bose bahanze amaso akarere ka Rafah ku mupaka wa Gaza na Misiri, aho ibimodoka binini bihagaze birindiriye kwinjiza imfashanyo, abantu bakeneye cane.
Ivyo bimodoka birindiriye ko haba ibiganiro vy’umwumvikano wo guhagarika intambara kugira vyinjire muri Gaza, hanyuma abanyamahanga na bo bahabwe uburenganzira bwo kuvayo.
Abanyepalestiniya amajana n’amajana bahungiye mu nyubakwa za ONU, babeshejweho n’amazi adashika kw’iritiro kuri umwe umwe, ku musi. Abayobozi b’ibitaro bagabishije ko ibikorwa vyabo bigeze aho umwansi ashaka.
Ni mu gihe ivyuma bakoresha igihe umuyagankuba udahari, harimwo ivyo abagwayi bahemeramwo n’ibishirwamwo inzoya zavutse hatageze, bisigaranye ibitoro vy’umusi umwe gusa. Bavuga kandi ko imiti yoyo isa n’iyaheze. (AP)
Forum