Reta ya Amerika yatangaje ko ikibanza kiri ku rubihe bagati y'intara ya Gaza n'igihugu ca Misiri, abantu bashobora kwinjiriramwo canke bagasohokeramwo, kizosubira kwugururwa.
Yamara igihe kizokwururirwako nticatagnajwe. Ni mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagabishije ku kugene abantu bamerewe nabi cane mu ntara ya Gaza.
Ubuzima bubi Abanyapalestina babayemwo mu ntara ya Gaza, bwatewe n’ingingo ya Reta ya Isirayeri isaba ababa mu gice co mu buraruko bwa Gaza kuhava imbere y’uko Isiraeli gikora ibitero muri ako karere.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, yatahutse avuye muri Isirayeri kuri uyu wa mbere, yatangaje ko Reta ya Amerika iriko ikorana na Misiri na Isirayeri hamwe n’ishirahamwe ONU kugira imfashanyo ishobore kwinjira muri Gaza, kandi ishikire abayikeneye. Yabitangaje inyuma y’uko agendeye n’ibindi ibihugu bitari bike vyo mu karere ko mu buseruko bwo hagatii.
Antony Blinken, kuri uyu wa mbere, mu butumwa ku rubuga X, yatangaje ko mu kiringo c’imisi mikeyi irangiye yagiye muri Isirayeri, Jorudaniya, Bahireni, Katari, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu, Arabiya Sawudite na Misiri. Yavuze ko ivyo abategetsi b’ivyo bihugu bamubwiye vyerekana ivyiyumviro basangiye n’abategetsi ba Amerika ku bijanye n’ivyokorwa kugira ingwano ntikwiragire mu karere, hamwe no kubijanye n’imigambi yo gukingira ubuzima bw’abanyagihugu ataco bazira, no gushikiriza imfashanyo abayikeneye mu ntara ya Gaza.
Kuri uyu wa mbere, ibiro vy’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Natanyahu, vyatangaje ko ata masezereno ahari y’agahengwe yorekurira imfashanyo kwinjira mu ntara ya Gaza, n’abanyamahanga kuyivamwo.
(VOANEWS)
Forum