Uko wahagera

Kenya Yatumiye Umwami w'Ubwongereza n'Umwamikazi Wiwe


Umwami w'Ubwongereza, Charles III n'umutambukanyi wiwe
Umwami w'Ubwongereza, Charles III n'umutambukanyi wiwe

Ibiro vy'ikirimba c'umwami mu Bwongereza, kuri uyu wa gatatu, vyatangaje ko umwami w'Ubwongereza, Charles III n'umutambukanyi wiwe, umwamikazi Camilla bazogira urugendo rw'imisi ine muri Kenya kuva mu mpera z'uku kwezi.

Prezida wa Kenya, William Ruto, ni we yatumiye umwami Charles III n’umwamikazi Camilla muri urwo rugendo rwabo. Rubaye mu gihe Kenya iriko yitegurira guhimbaza imyaka 60 y’ukwikukira.

Kenya yikuyeko intwaro ya gikoloni y’Ubwongereza, kw’italiki 12 y’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 1963. Umwami Charles III n’umwamikazi Camilla bazotangura urugendo rwabo muri Kenya kuva kw’italiki 31 y’uku kwezi kw’icumi gushika kuri 3 y’ukw’icumi na rimwe.

Urugendo rw’umwami Charles III n’umwamikazi Camilla ruzohimbaza imigenderanire myiza iri hagati y’Ubwongereza na Kenya, hamwe n’ugukorana neza hagati y’ivyo bihugu vyompi kubandanya kwibonekeza.

Urwo rugendo ruzokwerekana ukugene Ubwongereza na Kenya bikorana ku bibazo bitari bike. Harimwo utwigoro two gukomeza iterambere rirama, guhangana n’ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe, guha abakiri bato akaryo ko kwiteza imbere n’ugutuma akarere karangwa n’umutekano.

Mu rugendo rwabo, umwami Charles III n’umwamaikazi Camilla, bazoja mu karere ka Nairobi na Mombasa n’ibice biri mu micungararo yaho. Ruzoba rubaye urugendo rwa mbere rw’umwami Charles III mu gihugu kiri mw’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza, Commonwealth, kuva yimitswe mu mabanga yiwe mu kwezi kw’icenda, mu mwaka urangiye w’i 2022. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG