Umutambukanyi ya wa Ali Bongo aheruka kuvanwa ku butegetsi bwa Gabon yagirijwe ivyaha bitandukanye birimwo kunyuruza amafaranga ya reta no gukoresha amafaranga yaronse mu buryo butemewe n'amategeko ku nyungu ziwe bwite.
Umushikirizamanza mukuru wa Republika ya Gabon, Andre Patrick Roponat, yatangaje ano makuru avuga ko Madamu Sylvia Bongo Ondimba Valentin apfungishijwe ic’amaso.
Mw’itangazo yasomeye kuri tereviziyo y’igihugu, Andre Patrick Roponat, yasiguye ko ivyaha umupfasoni wa Ali Bongo yagirizwa atavyisangije. Sylvia Bongo Ondimba Valentin, yegetsweko ivyo vyaha vyose inyuma y’ukwezi kumwe ubutegetsi bw’umushingantahe wiwe, Ali Bongo Ondimba, buhiritswe n’abasirikare.
Noureddin Bongo Valentin, umuhungu wa Ali Bongo nawe nyene yaragirijwe ivyaha birimwo ivy’ibiturire no kunyuruza amatungo ya reta. Noureddin apfunganywe na bamwe mu bahoze muri reta ya se, barimwo ba soma mbike biwe babiri bahoze baramutswa ubushikiranganji bubarizwamwo ibikorwa vya reta n’amasoko ntanganguvu. Umuhungu wa Ali Bongo apfunganywe kandi n’abakiri bato bahora bakora mu biro vya se.
Hagati aho, radiyo y’Ubufaransa, RFI, yatangaje ko hari abashingamateka bo mu Bufaransa basaba ko amatungo y’umuryango wa ba Bongo ari mu Bufaransa afatirwa, agafasha mu nyungu z’abanyagihugu.
Nkuko biri ku rubuga rwa X rwegukira RFI, abo bashingamateka basavye ko inzu zigera ku 30 kandi z’agaciro kanini, Ubufaransa bwemeza ko umuryango wa ba Bongo waguze bidaciye mu mategeko, zihindurwamwo inzu zakira abatagira aho baba.
RFI ivuga ko icipfuzo cabo bashingamateka kimaze amezi menshi, congeye kuja ahabona inyuma ya kudeta yakorewe Ali Bongo. Bitegekanijwe ko icipfuzo c’abo bashingamateka gishikirizwa abo vyega igenekerezo rya 3 ukwezi kuza kwa cumi.
Forum