Uko wahagera

Amerika Yahanye Abongereza Umutekano Muke muri Sudani


Uwahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire wa Sudani Ali Karti mu nama y'abafasha Sudani
Uwahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire wa Sudani Ali Karti mu nama y'abafasha Sudani

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kuru uyu wa kane, yafatiye ibihano amasosiyete abiri, harimwo imwe ikorera mu Burusiya, n'umuntu umwe. Yagiriza ayo masosiyete n'uwo muntu ko bongereza umutekano muke muri Sudani. Ni mu gihe ingwano muri ico gihugu yahitanye abantu ibihumbi n'ibihumbi, abandi imiliyoni n'imiliyoni barava mu vyabo.

Icegera c’umushikiranganji w’ikigega ca reta ya Amerika ajejwe ibibazo bijanye n’iterabwoba n’ugutororokanya amakuru yerekeye amafranga akoreshwa n’inkozi z’ikibi, Brian Nelson, yavuze ko ingingo yafashwe, ihana abo bose bageramiye utwigoro two gutora inyinshu iciye mu mahoro, kandi yisunga demokrasi muri Sudani. Yatangaje ko bazobandanya gukwirikirana abo bose bariko batuma intambara ibandanya muri Sudani ku nyungu zabo bwite.

Ubwo bushikiranganji bwatangaje ko bwafatiye ibihano Ali Karti, yari umushikiranganji ajejwe imigenderanire ku ntwaro ya Omar al-Bashir. Yabaye umukuru w’umuhari w’abayislamu muri Sudani inyuma y’uko Bashir akuwe ku butegetsi mu mwaka w’i 2019.

Ni umuntu yagumye akomeye cane n’inyuma ya kudeta y’igisirikare yabaye mu mwaka w’i 2021. Yarakoze uko ashobora kugira akingire inyungu ziwe. Umuhari ayoboye w’abayislamu ushigikiye igisirikare ca reta mu rugamba rwaco rwo kurwanya abarondeye kucikurako.

Reta ya Amerika yafatiye kandi ibihano sosiyete yitwa, GSK Advance Company, ikorera muri Sudani. Ivuga ko iyo sosiyete yakoreshejwe n’abarwanyi barondera kwiyonkora kuri reta muri Sudani. Iyindi sosiyete yafatiwe ibihano, kuri uyu wa kane, ni iyitwa, Aviatrade, ikorera mu Burusiya. Iyo sosiyete igurisha ibikoresho vya gisirikare. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG