Reta mfatakibanza muri Burkina Faso, mw'ijoro ry'ejo ku musi wa gatatu, yatangaje ko yatesheje igeregezwa rya kudeta umusi w'imbere yaho. Ni hafi y'umwaka Kapiteni Ibrahim Traore ashitse ku butegetsi muri kudeta.
Mw’itangazo ryasomwe kuri televiziyo y’igihugu, reta yabwiye abanyagihugu ko ko muri iki gihe abasirikare b’intwazangabo n’abandi bagize uruhara mu kugerageza guhungabanya umutekano w’igihugu bahagaritswe, mu gihe abandi bariko barahirwa.
Reta yavuze ko abagerageje gukora kudeta bari bafise imigambi igayitse y’ugutuma igihugu kija mu kajagari.
Ku musi wa kabiri w’iyi ndwi, abantu ibihumbi n’ibihumbi barihereje amabarabara y’umurwa mukuru, Ouagadougou. Bitavye akamo katewe n’abashigikiye Kapitene Traore ko kumukingira mu gihe hari urukurukuru rwa kudeta rwariko ruhererekanywa ku mbuga ngurukanabumenyi.
Reta ya Burkina Faso yatangaje ko ibabajwe n’ukubona abasirikare b’intwazangabo barahiriye gukingira inzego z’igihugu bakora igikorwa nk’ico co kugeramira ubwigenge bw’Abanyaburkinafaso, hamwe n’ukwikurako abagira iterabwoba bariko bagerageza kubagira abacakara.
Mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye, ibiro vy’umushikirizamanza w’igisirikare muri Burkina Faso vyariyamirije igeregezwa ryo guhungabanya reta. Yaratangaje ico gihe ko abasirikare batari bake bahagaritswe. (AFRICANEWS)
Forum