Uko wahagera

Ambasaderi w'Ubufaransa muri Nijeri Yatahutse


Sylvain Itté, ambasaderi w'Ubufaransa muri Nijeri
Sylvain Itté, ambasaderi w'Ubufaransa muri Nijeri

Ambasaderi w’Ubufaransa muri Nijeri yatahutse inyuma y’ukwezi yari yarasabwe kuva muri ico gihugu.

Amakuru ava mu nzego zibiri z’umutekano muri Nijeri yemeje ko Sylvain Itte yavuye ku butaka bwa Nijeri. Ayo makuru yongeye aremezwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa i Paris.

Imigenderanire n’ico gihugu cahora gitegeka Nijeri mu bihe vya gikoloni, kikaba cari gisanzwe gifiseyo abasirikare mu bikorwa vyo kurwanya intagondwa z’abarwanyi bo mw’idini rya kiyisilamu, iheruka gutituka. Ivyo vyabaye inyuma y’aho abasirikare ba Nijeri batembagaje ubutegetsi mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka.

Umutegetsi w’ico gihugu wa Nijeri yari yahaye amategeko ambasaderi Sylvain Itte yo kuva muri ico gihugu mu kiringo c’amasaha 48 mu mpera z’ukwezi kwa munani. Yari yagirijwe ko Ubufaransa bwakora ibiteye kubiri n’inyungu za Nijeri.

Ubufaransa bwabanje kwinuba iryo tegeko ryo kwirukana uwo Ambasaderi, buvuga ko ubutegesi bushasha butari bwemewe. Ico gihe Ubufaransa bwari bwasavye ko prezida yari yatowe Mohamed Bazoum asubizwa ku butegetsi.

Yamara ku musi w’Imana uheze, Prezida Macron, yatangaje ko Ambasaderi wiwe agiye gusubira I Paris kandi ko inteko z’Ubufaransa zahora muri ico gihugu nazo nyene zigiye kuvayo.

Forum

XS
SM
MD
LG