Uko wahagera

Umutekano w'Ahakorera Radiyo na Tereviziyo vy'Uburundi Wakajijwe

Ino foto y'ahakorera RTNB yafashwe mu 2015
Ino foto y'ahakorera RTNB yafashwe mu 2015

Bamwe mu bamenyeshamakuru bakorera Iradiyo na Tereviziyo vy’igihugu c’Uburundi, RTNB, batewe amakenga n’igikorwa co gusaka abinjira mu kigo bakoreramwo, n’abanyagihugu baca kw’ibarabara ririmwo inyubakwa bakoreramwo.

Umwe mu bakozi ba RTNB yavuganye n’Ijwi ry’Amerika, agasaba ashimitse ko amazina yiwe adatangazwa ku mvo z’umutekano wiwe yagize ati: “ Mu masaha ya kare cane yo mu gatondo, abajejwe umutekano bazanye imbwa zisaka abinjira bose muri RTNB. Yaba umukozi asanzwe, yaba umutegetsi, nta n’umwe yinjira imbwa itabanje kumwimotereza canke ngo yimotereze umuduga yarimwo.”

Uwundi mumenyeshamakuru nawe nyene yasavye ko amazina yiwe adatangazwa, yashimangiye ivyavuzwe na mugenzi wiwe agira ati: “ Tumaze iminsi tubona impinduka zidasobanutse, mu bijanye no gusaka abinjira ku kazi. Baradusaba ibituranga, bakabirimbura gusumba uko bahora. Hari igihe vyashika ugahurirana n’umusirikare azi ko ukorera muri RTNB, ntarinde aranagusaba ibikuranga, akakureka ukinjira. Ariko ibi haheze indwi atariko bikiri”.

Ijwi ry'Amerika ryabajije umwe mu masoko yaryo yizewe muri RTNB, nimba hari ico abakoresha babwiye abakozi babo kubijanye n’isakwa bakorewe, n’umutekano wakajijwe, yishura agira ati: “ Abadusatse ntaco batubwiye. N’abakoresha ntaco bavuze. Erega na bo nyene basatswe nka twe. Ikiboneka ni uko hari ikibazo c’umutekano muke bikeka”.

Ifoto y'ahakorera RTNB
Ifoto y'ahakorera RTNB

Amakuru yuzuzanya Ijwi ry’Amerika ribandanya kuvana muri RTNB, ni uko n’abanyagihugu basanzwe baca mu nzira yagenewe abiyunguruza n’amaguru iri kw’ibarabara ryitiriwe itariki ya 13 Gitugugutu, ahari inyubakwa za RTNB muri karitiye ya Kabondo iri mu burengero bushira ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, basatswe uko bitahora.”

Ijwi ry’Amerika ryatumye umwe mu bakozi ba RTNB kutubariza abacungera umutekano insiguro y’isakwa ry’uno munsi, n’umutekano “wakajijwe mu micungararo ya RTNB”, atwishura atubwira ko umusirikare yabajije yihuta yamubwiye y’uko “ Hamaze iminsi hari uruja n’uruza rw’abantu baca kw’ibarabara ryitiriwe igenekerezo rya 13 Gitugugutu, babesha ko bagiye ahakorera ibisata bitandukanye biri kuri iryo barabara, harimwo ivya reta, ariko vy’ukuri "atariho baba bagiye".

Kuva ubutegetsi bw’Umuhisi Petero Nkurunziza buhakwa guhirikwa mu kwa gatanu ko mu 2015, ibarabara ryitiriwe uwa 13 Gitugutugutu rikorerako RTNB, ryugajwe ibirindiro bitandukanye vy’abasirikare, haba ku ruhande rw’abinjira baciye mu micungararo y’ikibuga c’umupira w’amaboko kizwi kw’izina rya “ PARIKE”, ku ruhande rw’abaca muri karitiye ya Aziyatike, n’abaca hepfo ku ruhande rwa Musée Vivant.

Uwemererwa guca kuri iryo barabara, abwirizwa kuba afise uruhusha rwihariye rumwemerera kuhaca, canke akaba ari umukozi w’ibisata bitandukanye bikorera kuri iryo barabara birimwo RTNB, Radiyo Nderagakura, Radiyo Culture, igice c’ishirahamwe rijejwe gutanga amatara n’amazi, REGIDESO, igice c’ishirahamwe rya reta ryo gutumatumanko amakuru, ONATEL, umurwi ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi, CVR, n’ibindi bisata.

Amakuru Ijwi ry'Amerika ribandanya gukur ku masoko yaryo muri RTNB avuga ko naho hari abasirikare bamenyerewe mu bari basanzwe bacungera umutekano wa RTNB, hari amasura mashasha yandi yibonekeje mu bari ku birindiro bitandukanye vyinjira ahari inyubakwa za radiyo na tereviziyo vy’igihugu.

Nta rwego na rumwe rujejwe umutekano Ijwi ry'Amerika ryashoboye kuronka kugira ngo rutange umuco kuri ano makuru yose.

Forum

XS
SM
MD
LG