Uko wahagera

Izinga rya Mayote Rihanzwe n'Ubukene bw'Amazi


Abanyagihugu batondeye amazi muri Mayote
Abanyagihugu batondeye amazi muri Mayote

Ubufaransa bwarungitse inteko zabwo gutanga amazi mw’izinga rya Mayote ribwegukira, riri mw'ibahari Indiyana. Iryo zinga rirahanzwe, n'ikibazo gikomeye c'ubukene bw’amazi kitari bwigere cibonekeza, bivuye ku ngaruka zikomeye z'uruzuba rumaze imyaka itari mike, ruharangwa.

Inteko z’Ubufaransa zikorera mu karere karimwo izinga rya Mayotte zizokorana n’abategetsi b’aho mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu kuronka amazi. Iyo nkuru yatangajwe kuri uyu wa kane n’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Ubufaransa.

Abategetsi b’izinga rya Mayote bafashe ingingo yo gukata amazi mu kiringo c’imisi iri hagati y’ibiri n’itatu muri iryo zinga riri mu buraruko bushira uburengero bwa Madagascar. Ni ryo zinga rikukira Ubufransa rikenye kurusha ibindi bice vy’ico gihugu.

Ikibazo c’ubukene bw’amazi mw’izinga rya Mayote ciyongeye ku cuka kibi catewe n’abimukira baza muri ayo mazinga baturutse mu mazinga bihana urubibe na Comores.

Ababa mw’izinga rya Mayote, ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye barakoze imyiyerekano hanze y’icicaro c’ikigo kijejwe amazi muri iryo zinga bafise ibimenyetso bivuga ko banyotewe.

Hafi y’ibice 30 kw’ijana vy’abaribamwo nta mazi bafise mu ngo zabo, hisunzwe amakuru atangazwa n’abategetsi bajejwe ivy’amagara y’abantu. Batangaza ko ibitigiri vy’abantu bageramiwe n’indwara yo gucibwamwo n’izindi ndwara nka tifoyide zari zihasanzwe vyiyongeye.

Abategetsi ba Mayote baragenye, muri iki gihe c’ici, umutegetsi adasanzwe ashizwe gutorera inyishu inkurikizi zikomeye z’uruzuba rukomeye rutari rwibonekeze kuva mu mwaka w’1997.

Imvura idahagije yatumye haba urugero rw’amazi ruri hasi mu bubiko abanyagihugu bikorako mu gice c’ici kuva mu kwezi kwa gatanu gushika mu kwezi kw’icumi na rimwe. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG