Uko wahagera

Amerika Isezeranira Ukraine Iyindi Mfashanyo Irenga Umuriyaridi w'Amadolari


Umushikiranganji w'Amerika w'imigenderanire Antony Blinken aramukanya n'umushikiranganji wa mbere wa Ukraine Denys Shmyhal i Kiev kw'itariki ya 06/09/2023.
Umushikiranganji w'Amerika w'imigenderanire Antony Blinken aramukanya n'umushikiranganji wa mbere wa Ukraine Denys Shmyhal i Kiev kw'itariki ya 06/09/2023.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, ari mu rugendo rutatangajwe rw'imisi ibiri muri Ukraine. Ni urugendo rugira kane agize muri ico gihugu kuva Uburusiya butanguye kugitera mu kwezi kwa kabiri mu mwaka w'i 2022.

Bitegekanijwe ko Blinken abonana n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Ukraine, Dmytro Kuleba, umushikiranganji wa mbere, Denys Shmyhal na Prezida Volodymyr Zelensky. Aripfuza kumva ivyo bakeneye ku bijanye n’ibitero inteko z’igihugu cabo ziriko zikora mu bice Uburusiya bwigaruriye. Barayaze kandi no ku bizoba bikenewe mu gihe c’ubukanye cimirije.

Imbere y’ibiganiro bitegekanijwe uno musi ku wa gatatu, Blinken, yatangaje ko ko hari intambwe ziboneka mu bitero ku nteko z’Uburusiya. Yavuze ko abategetsi ba Amerika bashaka kumenya ko Ukraine ifise ibintu vyose ikeneye kugira itsinde urugamba hamwe n’ibintu vyose izoba ikeneye mu kiringo kirekire kiri imbere mu bijanye n’ubushobozi bwo kwivuna igihugu c’Uburusiya.

Bitegekanijwe ko umushikiranganji Antony Blinken atangaza imfashanyo nshasha ya Amerika y’agaciro karenga umuliyaridi w’amadolari. Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Amerika bwatangaje ko Antony Blinken ategekanya kwerekana ko Amerika itazokwigera idohoka ku bijanye no gushigikira yivuye inyuma Ukraine.

Uburusiya bwagirije Amerika ko iriko ituma ingwano ibandanya muri Ukraine mu gushigikira ico gihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG