Uko wahagera

William Ruto: Ihindagurika ry'Ibihe Rifise Ingaruka Kw'Iterambere rya Afrika


Prezida wa Kenya William Ruto mu nama y'ihindagurika ry'ibihe, i Nairobi, Kenya.
Prezida wa Kenya William Ruto mu nama y'ihindagurika ry'ibihe, i Nairobi, Kenya.

Prezida wa Kenya, William Ruto, kuri uyu wa kabiri, yatangaje ko ihindagurika ry'ibihe ribandanya kugira ingaruka mbi ku ntambwe ibihugu vyo muri Afrika vyari bimaze gushikako mu vyerekeye ubutunzi. Yavuze ko igihe kigeze ko amakungu aganira ku vyerekeye gutangisha amatagisi ibihugu birungika mu kirere imyuka mibi igeramira ibidukikije.

Prezida Ruto yavuze ko ibihugu birungika urugero ruri hejuru cane rw’imyuka mibi igeramira ibidukikije bidashaka gutanga amafaranga agenewe guhangana n’ingaruka zavyo. Yabitangaje mu gihe inama ya mbere y’ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika yerekeye ihindagurika ry’ibihe yatanguye ibikorwa vyayo, ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

Prezida Ruto yavuze ko ibihugu 54 vyo ku mugabane wa Afrika bitegerezwa kwijukira uburyo butonona ibidukikije imbere y’uko bitera intambwe mu gisata c’amahinguriro: ivyo biratandukanye n’ukuntu, ibihugu bitunze bibigenza.

Amajambo yo kwugurura inama kw’ihindagurika ry’ibihe arimwo akamo gasaba ko inzego mpuzamakungu zijejwe ibigega zitunganywa gushasha. Abashikirije ayo majambo batangaje ko ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika biriha hafi incuro zitanu, amafaranga y’ingurane, ugereranije n’ayarihwa n’ibindi bihugu.

Bavuze ko ivyo bituma umuzigo w’amadeni uremera kurushiriza ku bihugu bitari bike. Umugabane wa Afrika urimwo ibihugu birenga 30 mu bifise amadeni akomeye cane kw’isi.

Intumwa ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe, John Kerry, yemeye ikibazo gikomeye c’amadeni y’ibihugu vyo muri Afrika. Yatangaje ko ibihugu 17 kuri 20 vyo kw’isi bigeramiwe kurusha ibindi n’ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe biri muri Afrika. Ku rundi ruhande, yavuze ko ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi kw’isi, harimwo n’iciwe, birungika mu kirere ibice 80 kw’ijana vy’imyuka ituma ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe ciyongera bikomeye.

Forum

XS
SM
MD
LG