Perezida Domitien Ndayizeye ni umwe mu bahoze baramutswa Uburundi batarenga babiri bakiriho muri kino gihe. Yamara ubu avuga yuko n’aho Abarundi bobimusaba atokwemera gusubira kuba umukuru w’igihugu. Agira ati: « Muri bino bihugu vyacu biracagoye yuko uwutwara ashira abantu ku murongo wo gukurikiza amategeko ahagararira inyungu rusangi kuko abantu bipfuza gutunga ningoga na ningoga bagaca mu nzira zitemewe, ubakozeko bakavyura umugara. »
Ndayizeye yatwaye Uburundi imyaka 2, amezi 3 n’imisi 27. Hari kuva kw’itariki ya 30 y’ukwezi kwa kane 2003 gushika kw’itariki 26 z’ukwezi kwa munani 2005. Ni inyuma y’amezi 18 yari amaze ari icegera ca Majoro Pierre Buyoya.
Kuva mu 2005 avuye mu mabanga y’umukuru w’igihugu gushika mu 2015 yari mu Nama Nkenguzamateka kumwe n’abandi bahoze baramutswa igihugu ari bo Pierre Buyoya, Sylvestre Ntibantunganya na Colonel Jean Baptiste Bagaza. Muri kino gihe Domitien Ndayizeye aserukira Uburundi mu Kanama k’Inararibonye zitanu zo mu Muryango w’Ubumwe bwa Afrika. Ni na we yari amaze umwaka arongoye ako Kanama.
Domitien Ndayizeye Yinjiye Gute muri Poritike ?
Domitien Ndayizeye ubu afise imyaka 70 y’amavuka. Yavukiye ku Murago, mu ntara ya Kayanza, mu buraruko bw’Uburundi. Inyuma y’imyaka 21 yamaze mu buhungiro mu Rwanda, yatahutse gufasha urugamba rwa demokarasi Melchior Ndadaye na bagenzi we mu mugambwe Sahwanya FRODEBU. Uwo mugambwe wahavuye umushira imbere mu guhagararira amasezerano y’amahoro yasinyiwe i Arusha muri Tanzaniya mu mwaka w’2000.
Ku butegetsi bwiwe, Domitien Ndayizeye asanga ivyo yari yishinze nka vyose yarabishitseko ariko akagira ati: « Ndicuza ikintu kimwe rudende: « kuba navuye ku butegetsi ntashikanye Agathon Rwasa mu basinya amasezerano yo guhagarika intambara naho nari nagerageje kumurondera bikanka. Ivyo vyarambabaje kuko narabona ingaruka mbi bishobora kugira ku gihugu. »
Aremeza yuko Majoro Pierre Buyoya yagize uruhara ruboneka mu kugira ngo amasezerano y’i Arusha asinywe kandi ashobore kumusubirira ku ntebe y’Umukuru w’igihugu kuko ngo abadasigana bamwe bamwe b’ibihangange muri UPRONA baragerageje kubuza Buyoya ngo ntarekure iyo ntebe arabankira guhonyanga amasezerano. Agira ati : « Ico kiri mu bintu bituma Buyoya naramwemeye n’intatemwa yiwe nkaja kuyunamira.
Benshi ntibabitahuye yamara jewe, naho twahanganye kenshi mu ntango akanampfunga kabiri kose, ndemeza yuko Buyoya yarangije neza ».
Ku vyerekeye imyaka abahoze barongoye Uburundi bamaze mu nama Nkenguzamateka, Domitien Ndayizeye avuga ko atashimye ukuntu abo bubahwa bakoranye n’abakenguzamateka batowe cane cane mu mugambwe uri ku butegetsi. Agira ati: «Uravye ico twari twashiriwe muri urwo rwego, twari dukwiye kuba abantu b’abahanuzwajambo baterera ivyiyumviro bafatiye ku burambe bafise muri poritike n’intwaro. Mugabo narababazwa n’ingene badusuzugura ngo ivyacu vyararenganye ntibikijanye n’igihe.»
Kugabagana Ubutegetsi Bishingiye ku Moko Vyataye Igihe
Ku kibazo co kumenya nimba bikenewe uno munsi yuko Inama Nkenguzamateka ifuta ivyo kugendera ku bitigiri vy’ubwoko mu kugabura amabanga yo mu gihugu vyazanywe n’amasezerano y’amahoro y’i Arusha, Domitien Ndayizeye avuga ko bikwiye kuhava kuko abantu banganya uburenganzira mu gihugu, akagira ati yamara rero bobanza bakaraba neza yuko vyoba vyaramaze guhumuriza imigwi yari ifise ubwoba. Agira ati : « Ivyo bintu vy’ibitigiri vy’ubwoko biri mw’Ibwirizwa Nshingiro birakwiye guhagara kugira ngo akazi gahabwe abagashoboye. »
Domitien Ndayizeye avuga ko imyaka yose yamaze apfunzwe akanasinzikarizwa ubuzima yamufashije gutahura neza ukuntu abarundi bamwe bamwe bashobora kwinyegeza inyuma ya poritike mu guharanira inyungu zabo bwite.
Ku vyabaye mu Burundi mu 2015, Domitien Ndayizeye abona yuko ivyerekeye kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’Umuhisi Pierre Nkurunziza, vyari ibisanzwe kandi vyanaheze, ati mbere n’abagirizwa irya myiyerekano bari bakwiye kugirirwa ikigongwe bagatahuka mu gihugu c’amavukiro. Avuga yuko mu bintu vya poritike ata nzigo ikwiye kubamwo kuko ntiyubaka irasambura igatuma igihugu kidatera imbere.
Uwo mutama w’imyaka 70 avuga yuko ubu yahisemwo kwikorera utwiwe akava mu migambwe, maze akabungabunga urugo rwiwe ata ruhagarara rw’ubutegetsi yiteza.
Ariko akagira ati ari nk’amabanga y’uguhanura abantu n’inzego yobikora, hanyuma agafata akanya ko kwinezereza mu muryango n’akaziki rimwe na rimwe akakanyukura.
Forum